Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 2:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Wamuhaye kuganza ibintu vyose, ubishira musi y’ibirenge vyiwe. Kw Imana yamuhaye kuganza ibintu vyose nta co yishigarije itamuhaye kugiganza. Ariko none ntiturabona ibintu vyose biganzwa na we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 kandi ibintu vyose wabishize musi y’ububasha bwiwe.” Nimba Imana yashize vyose musi y’ububasha bw’umuntu, bisigura ko ata kintu na kimwe casigaye kitari musi y’ububasha bwiwe. Ariko gushika ubu ntitubona ko vyose biri musi y’ububasha bwiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 2:8
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ati Ni jewe niyimikiye umwami wanje Kuri Siyoni, umurwa wanje wera.


Wamuhaye kuganza ibikorwa vy’amaboko yawe, Wamuhaye gutwara ibintu vyose, ubishira musi y’ibirenge vyiwe:


Aca ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: ingoma yiwe n’ingoma itazovaho, kand’ ubgami bgiwe n’ubgami butazohangura.


Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.


Yesu yar’ azi ko Se yamuhaye vyose yabishize mu maboko yiwe, kandi ko yavuye ku Mana, kandi kw agira asubire ku Mana,


Se arakunda Umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe.


Kuko handitswe, ngo Yamuhaye kuganza vyose, ibishira musi y’ibirenge vyiwe. Ariko kw ivuga, it’ Ahawe kuganza vyose; biraboneka yukw Iyamuhaye kuganza vyose itabiharūrwamwo.


Ariko ni nde wo mu bamarayika yigeze kubarira, it’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y’ibirenge vyawe?


mur’ iyi misi y’iherezo yabaririye twebge mu kanwa k’Umwana wayo, uwo yashiriyeho kuba samuragwa wa vyose, ni we yahaye kurema isi.


Kukw atar’ abamarayika Imana yahaye gutwara isi izobaho, iyo tuvuga.


ar’i buryo bg’Imana, kuko yagiye mw ijuru, amaze guhabga gutwara abamarayika n’abanyabubasha n’abanyabushobozi.


kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu.


no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ