Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 2:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 none twebwe tuzokira gute ni twanjanjwa ku gakiza gakomeye nk’ako? Umwami Yesu ubwiwe ni we yabanje kuvuga ivy’ako gakiza, hanyuma abamwumvise baratwemeza ko ari ukuri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 2:3
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.


Kur’ uwo musi ababa mur’ iki kiyaya c’ikiyaga bazovuga, bat’ Eh’ ivyo twizigira ingene bibaye, tukahaziga ko twohahungiye, bikadutabara ngo dukire umwami w’i Ashuri! None twebge tweho tuzokwikiza dute?


Ubugororotsi bganje buri hafi, agakiza kanje karaserutse, amaboko yanje azocira amahanga amateka; ababa ku kiyaga bazonyitega, kand’ ukuboko kwanje ni kwo bazokwizigira.


Kukw inyenzi zizobarya nk’umwambaro, n’ ifukunyi izobarya nk’ubgoya bg’ intama: arik’ ukugororoka kwanje kuzokwamah’ ibihe bidashira, n’ agakiza kanje uk’ urunganwe ruzogenda rukurikirana.


Rāba, Uhoraho yabariye abo ku mpera y’isi, ati Ni mubgire umukobga w’i Siyoni, muti Rāba, agakiza kawe karaje; rāba, araje azanye impēra, kand’ inyishu yiwe ir’imbere yiwe.


Yamar’ aramugarariza, atuma intumwa ziwe muri Egiputa, gusaba ngo bamuhe amafarasi n’ingabo nyinshi. Mbeg’ ūkora ibisa birtyo azororanirwa, canke se arokoke? Yokwica isezerano kand’ akarokoka?


Kukw iyo ndahiro yarahiye yayihinduje ubusa kwica isezerano; mbere yari yaramanitse ukuboko arahira, kandi none yakoze ivyo vyose: eka ntazorokoka.


Mwa nzoka mwe, mwa bana b’inzoka, muzohunga mute urubanza rwa Gehinomu?


Guhera ubgo, Yesu atangura kwigisha, ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


Yohana amaze gushirwa mw ibohero, Yesu aja i Galilaya, ababgira ubutumwa bgiza bg’Imana,


nk’uko twabirazwe n’abāhereye ubga mbere ar’ivyabona vyavyo n’abasuku b’ijambo ry’Imana.


Kand’ iduhagurukirije ihembe ry’agakiza Mu nzu ya Dawidi umusavyi wayo,


Arababaza, ati N’ibiki? Baramwishura, bati N’ivya Yesu Umunyanazareti, yar’ umuntu avugishwa n’Imana, akaba umunyabushobozi bginshi mu vyo yakora no mu vyo yavuga, imbere y’Imana n’imbere y’abantu bose:


kandi namwe nyene muranshingira intahe, kuko mwari kumwe nanje uhereye mbere na mbere.


utanguriye ku kubatiza kwa Yohana ukageza ku musi yadukūriwemwo, adūganywe, umwe muri bo akwiye kuba icabona hamwe natwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.


Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu;


Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw ata rindi zina musi y’ijuru ryāhawe abantu dukwiye gukirizwamwo.


kugira ngo kumbure ntere ishari ab’i wacu, nkize bamwe muri bo.


Wewe ga muntu, uhinyura abakora ibisa birtyo, nawe ubikora, mbega wiyumvira yuk’ uzokira urubanza Imana ica?


Kuko nah’ ubgenge bg’Imana bgageze yukw ab’ isi batazohabga n’ubgenge bg’isi kumenya Imana, Imana yahimbawe gukirisha abayizera ubupfu bg’ivyigishwa.


Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.


Iri jambo n’iryo kwizerwa, rikwiye kwemerwa rwose, yuko Kristo Yesu yazanywe mw isi no gukiza abanyavyaha: muri bo jewe nd’agahebuza.


Kuk’ ubuntu bg’Imana bgaserutse, buzanira abantu bose agakiza,


Kera Imana yabaririye ba sogokuruza mu kanwa k’abavugishwa na yo mu bihe vyinshi no mu buryo bginshi,


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


mur’ iyi misi y’iherezo yabaririye twebge mu kanwa k’Umwana wayo, uwo yashiriyeho kuba samuragwa wa vyose, ni we yahaye kurema isi.


Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga. Ba bandi ko batākize, hamwe banka uwababūririye mw isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyitubūrira iri mw ijuru.


Nuko, kukw isezerano ryo gushika mu buruhukiro bgayo rikiriho, twiyubare kugira ngo kumbure ntihagire uwo muri mwebge yiyumvirwa kw akērerewe.


Nuko tugire umwete wo gushika mur’ ubgo buruhukiro, hoye kugira umuntu agwa, akurikiye icitegererezo ca ba bandi co kutumvira Imana.


kand’ amaze guhīngūrwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira:


na Kristo n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishirekw ivyaha vya benshi, azoboneka ubga kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze.


Icariho uhereye ubga mbere na mbere, ico twumvise, ico twabonye n’amaso yacu, ico twitegereje, intoke zacu zikagikorako, ivyo kuri Jambo w’ubugingo —


Ariko mweho, bakundwa, mwibuke amajambo yavuzwe kera n’intumwa z’Umwami wacu Yesu Kristo;


basemerera n’ijwi rirenga, bat’ Agakiza n’ak’ Imana yacu ivyagiye kur’ irya ntebe n’ak’ Umwagazi w’Intama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ