Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kw ijambo ryavugiwe mu kanwa k’abamarayika ryagumyeho, kand’ ibicumuro vyose no kutaryumvira bikagererwa ingero bikwiranye,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nimba ubutumwa Imana yarungikanye abamarayika bwabonetse ari ukuri, kandi ukugarariza kwose n’ukutumvira kwose bikaronka igihano bikwiranye,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 2:2
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imikogote y’Imana n’ibihumbi cumi, ibihumi cumi, Mbere n’ibihumbi n’ibihumbi: Umwami Imana ari hagati yayo; Sinayi ur’ ahēra ho mu rusengero.


Izo nyama bakizishinzekw amenyo, batarazihekenya, uburake bg’Uhoraho buziriringira abantu, abarekuriramw’ ikīza gikomeye cane.


Abishwe n’ ikīza bār’ abantu ibihumbi cumi na bine n’amajana ndwi, udashizemw’ abicishijwe n’ivya Kora.


Maz’ Uhoraho atērēra abantu inzoka z’ubumara buturira, zirabakomora; abantu benshi bo mu Bisirayeli barapfa.


Abishwe n’ico kīza bār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.


ari mwebge mwāhawe ivyagezwe bizanywe n’abamarayika, ntimwavyitondera.


Nukw ivyagezwe n’ibiki? Vyageretsweko kubg’ ibicumuro, ngo bigumeho kugeza ah’ uruvyaro ruzozira rwasezeranywe ivy’ isezerano: kandi vyahawe abamarayika kubigera, na bo babiha umushikirwa w’amajambo.


Arik’ umuntu ni yibona ku muherezi, ntamwumvire, kand’ ari we ahagarara ngaho nyene imbere y’Uhoraho Imana yanyu ngw amuhereze, canke ntiyumvire uwo mucamanza, uwo muntu baze bamwice; ukw abe ari ko mukūra ikibi muri mwebge Abisirayeli.


Muri mwebge, mu bisagara vyanyu vyose Uhoraho Imana yanyu azoba yābahaye, ni haboneka umugabo cank’ umugore akora ico Uhoraho Imana yanyu abona kw ari kibi, co kuva mw isezerano ryiwe,


muce muzana uwo mugabo cank’ uwo mugore, yakoze ico kintu kibi, mumushikane kw irembo ry’igisagara canyu, mumwicishe amabuye.


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūdashitsa amajambo y’ibi vyagezwe ngw ayitondere. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Ukwigisha kwanje kugwe nk’ imvura, Amajambo yanje atonde nk’ ikime, Abe nk’ukw imvura y’akajogotera igwa ku rumerēra, Kandi nk’iy’ akavuvu iy’ igwa ku bgatsi.


Kera Imana yabaririye ba sogokuruza mu kanwa k’abavugishwa na yo mu bihe vyinshi no mu buryo bginshi,


Ūkēngereye ivyagezwe vya Mose, ivyabona bibiri canke bitatu biramwicisha, ata kagongwe.


Nuko ntimute ubushizi bg’ubgoba bganyu, buri n’impēra ikomeye.


kuko yiyumviriye yuko gucokoranwa na Kristo ar’ ubutunzi burengeye itunga ryo muri Egiputa, kuko yatumbera ingero azogererwa.


kand’ ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’ uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera.


Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga. Ba bandi ko batākize, hamwe banka uwababūririye mw isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyitubūrira iri mw ijuru.


Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirak’ umutima, ni nk’itara ryākira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza ah’ ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira mu mitima yanyu:


Ndagomba kubibutsa, naho vyose musanzwe mubizi, yuk’ Umwami Imana, imaze gukirisha bga bgoko kubakūra mu gihugu ca Egiputa, hanyuma yahoneje abatizeye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ