Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ni co gituma dukwiye kurushiriza kwitwaririka ivyo twumvise, kugira ngo ntidutwarwe akayombekere tukabivako.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ni co gituma dutegerezwa kwitwararika cane ukuri twumvise, kugira ngo ntituzimire tukakuvamwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 2:1
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uko ni k’uzogira ubuhirwe, ni wagira umwete ukitondera amabgirizwa n’amatēka Uhoraho yashingiye Abisirayeli, akabishikiriza Mose. Nuko shikama, ushire amanga, ntutinye kandi nturanduke umutima.


Umusore azokwezesha inzira yiwe iki? Azoyezesha kuyitondera nk’ ukw ijambo ryawe rivuga.


Mwana wanje, ivyo ntibikave imbere y’amaso yawe: Ugumye ubgenge buroranye n’amakenga;


Kukw ehe rāba, ngira nkakamure Abakaludaya, rya hanga ry’inkazi kandi ry’inkuba, bagenda batera isi iyo iva ikagera, bakikeberezako ingo zitar’ izabo.


Utumbaraye ibitētērwa mu gishingo c’icubahiro: enda nywa nawe, wisige ubusa! Igikombe kiri mu kuboko kw’i buryo kw’Uhoraho kizoruha kigushikeko nawe, kand’ ivy’ isoni biteye ishishi bizoba ku cubahiro cawe.


Ntimuraruha mubimenya, ntimwibutse ya mitsima itanu ku bihumbi bitanu, n’ibisimbo mwatororokanije uko vyangana?


Amaso ko muyafise ntimuruha mubona? Mufise amatwi, ntimwumva, kandi ntimwibuka?


Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.


ati Mushire aya majambo mu matwi yanyu: Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu.


Baca batora amabuye yo kumutera, maze Yesu arihisha, ava mu rusengero.


Nuko mwiyubare, mwoye kwibagira isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu yasezeranye namwe, mukībāzira igishushanyo, mugishushanije n’ ishusho y’ikintu ic’ ari co cose, Uhoraho Imana yanyu yababujije.


Ariko kimwe gusa, mwiyubare, mugire umwete wo kwirinda mu mitima, mwoye kwibagira ivyo amaso yanyu yiboneye, vyoye kuva mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho; ariko muze mubimenyeshe abana banyu n’abuzukuru banyu.


kandi mwibagiye rya jambo ribahubūra ribahanūra nk’abana, ngo Mwana wanje, ntugaye igikāngīro c’Uhoraho, Kandi ntudendebukirwe ni yaguhana.


Ariko nzogira umwete, kugira ngo ni namara gutaha muze mushobore kwama mwibuka ivyo.


Abo nkunda, non’ iki ni co cete ca kabiri mbandikiye, mur’ ivyo vyompi ndakangura imitima yanyu ikeye, mbibutsa;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ