Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 13:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ntimutwarwe n’inyigisho z’uburyo bginshi zādutse; kukw iciza ar’ uk’ umutima ushikamizwa n’ubuntu bg’Imana, ntushikamizwe n’ivyo kurya, kukw abishize muri vyo bitābagiriye ikimazi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ntimukemere kuzimizwa n’inyigisho z’ivyaduka z’uburyo bwose. Inkomezi z’imitima yanyu ziva mu buntu bw’Imana, ntiziva mu mategeko ajanye n’ivyokurya, kuko bidashobora gufasha ababikurikiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 13:9
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umutima wiwe urahamangiye, ntazotinya, Gushitsa ah’ azokwibonera abansi biwe.


Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abātoranijwe ni vyashoboka.


Yesu arabishura, ati Mwirinde, ntihagire ūbazimiza.


Arikw igikwiye n’ugutara umutobe wa vino mu mikuza misha.


Kandi no muri mwebge ubganyu hazokwadukamw’ abantu bavuga ibigoramye kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.


Kandi none mbaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bgayo, rishobora kububaka no kubahēra ibiragwa hamwe n’abejejwe bose.


Kuk’ ubgami bg’Imana atar’ ukurya n’ukunywa, ariko n’ukugororoka, n’amahoro, n’umunezero vyo muri Mpwemu Yera.


Umuntu umwe afise ukwizera kwo kumurisha vyose, arik’ ūdakomeye arya ibirimwa gusa.


Uwiyumvira umusi awiyumvira kubg’ Umwami wacu; ūrya inyama azirya kubg’ Umwami, kukw ashima Imana; kand’ ūtazirya, yanka kuzirya kubg’ Umwami, na we ashima Imana.


Ivyo kurya n’ivy’ inda, n’inda n’iy’ ivyo kurya; yamar’ Imana izobikūraho vyompi. Ariko, imibiri yacu s’iyo gushakana, mugabo n’iy’ Umwami wacu, kand’ Umwami n’uw’ imibiri yacu.


Arikw ivyo kurya si vyo bidushikiriza Imana: iyo tutabiriye, nta co duhōmba; cank’ iyo tubiriye, nta co duhōmbōka.


Imana ni yo idukomezanya namwe muri Kristo, kandi ni yo yaturobanuje amavuta.


Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’ impwemu mutunganye ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza; kandi wiyubare ubgawe, nawe nyene woye kwoshwa nabi.


kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.


Ntihakagire umuntu abahendesha amagambo y’ubusa: kukw ivyo ari vyo bizanira uburake bg’Imana abantu b’intabarirwa.


Mvuze ivyo kugira ngo ntihagire ūbahendagirisha amagambo y’inyosha.


ibirure mu mitima yanyu, iyikomeze mu gikorwa cose ciza, n’ijambo ryose ryiza.


ntimushōke munyiganyiga ngo mugwe igihūmura, canke ngo muhagarike imitima, naho mwoba mubitewe n’impwemu canke n’ijambo canke n’icete kimeze nk’ikivuye kuri twebge, kivuga yuk’ umusi w’Umwami wacu uhejeje gushika.


Ewe Timoteyo, wame uzigama ico wabikijwe, utere ibitugu ibizira vy’amagambo ahumanya n’ukurwana kw’ivyitwa ubgenge atari bgo,


Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana: kukw abigira abavugishwa n’Imana benshi bādutse mw isi.


Abo n’ivyubirizi mw isangira ryanyu ry’urukundo, iyo basangira namwe ivyiza; n’abungere bīragira ubgabo ata dusoni: n’ibicu bitagira amazi, bikubebga hose n’umuyaga; n’ibiti birumvye bitāma, vyapfuye kabiri, vyaranduranywe n’imizi;


Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ