Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 13:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’ uburiri bgabo bgoye guhumanywa: kukw abashakanyi n’abasambanyi Imana izobacirakw iteka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 13:4
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ Uhoraho Imana asinziriza uwo muntu ubutikoma, arasinzira: amukūramw’ urubavu rumwe, ahōmeka inyama mu gishingo carwo.


Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’ umugore wiwe akaramata, bakaba umubiri umwe.


Nuko Hilukiya umuherezi na Ahikamu na Akibori na Shafani na Asaya baragenda, baja k’ūvugishwa n’Imana Hulida muka Shalumu, Shalumu mwene Tikuva umwuzukuru wa Haluhasi, yajejwe ububīko bg’imyambaro, baramusiguza. Kand’ uwo mugore yaba i Yerusalemu mu gice caho ca kabiri.


Coba ar’ umuriro utongora gushitsa uhoneje, Ugaturira imirima yanje yose.


Nuko ndārira umugore w’ūvugishwa, asama inda, avyara umuhungu. Maz’ Uhoraho aca arambarira, ati Mwite Maheri‐shalali‐hashi‐bazi.


Kand’ uwo mugabo ni yaramuka aryamanye n’umugore, bompi biyuhagire, bakomeze kuba abahumanye gushitsa ku mugoroba.


Ntihaze hagire ūsambana na muka mugenzi we, ngo yiyanduze kubgiwe.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Arikw abo hanze Imana ni yo izobacira urubanza. Ni mukūre umunyakibi muri mwebge.


Muhunge ubushakanyi. Icaha cose umuntu akora s’ic’ umubiri, arik’ ūshakana aba acumuye ku mubiri wiwe.


Ntimuzi yukw abagabitanya batazoragwa ubgami bg’Imana? Ntimuzimire: abashakanyi, cank’ abasenga ibigirwamana, cank’ abasambanyi, cank’ abagabo bendwa, cank’ abagabo bendana,


Nuk’ ūtanga umukobga wiwe ngw arongorwe aba agize neza; kand’ ūtamutanga aba arushirije kugira neza.


Ntitwokwemerewe kujana abagore bacu ari bene Data nk’ukw izindi ntumwa zikora, na bene nyina w’Umwami wacu, na Kefa?


Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabge ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.


Kand’ ibikorwa vy’akameremere kacu biramenyekana, n’ibi: ubushakanyi, ibihumanya, ivy’ isoni nke,


igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ ivyo. Ivyo ndabibabūriye, nk’uko nabibabūriye kera, yukw abakora ibisa birtyo batazoragwa ubgami bg’Imana.


Kukw ibi mubizi neza, yukw ata mushakanyi, cank’ igihumane, cank’ uwifuza (ni we asenga ibigirwamana), azogira ico aragwa mu bgami bga Kristo n’Imana.


Umuntu ni yafatwa aryamanye n’umugore w’uwundi, baze babice bompi: abo ukw ari babiri, uwo mugabo yaryamanye n’ uwo mugore, na nya mugore nyene, bapfe; ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi muri mwebge Abisirayeli.


ng’umuntu wese ntarenge ibikwiye, kandi ntagunge mwene Data wundi kur’ ivyo, kuk’ Umwami wacu ar’ umuhōzi kur’ ivyo vyose, nk’uko twababūriye tubishimikiye.


Umukozi w’ishengero wese abe umugabo afise umugore umwe gusa, aganza neza abana biwe n’abo mu rugo rwiwe.


Nuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, kand’ akwiye kuba umugabo afise umugore umwe gusa; abe ūtarenza urugero, adahugumba, aganza ingeso ziwe, akunda gutanga indāro, afise ubgenge bgo kwigisha,


aganza neza abo mu rugo rwiwe, abana biwe bamwumvira, yanka umugayo wose.


baziza kwābīrana, baziza n’ivyo kurya, kand’ ari vyo Imana yaremye kugira ngw abizera, bakamenya ivy’ ukuri, babirye bashima.


Ni co gituma ngomba kw abapfakazi bakiri bato bābīrwa, bakavyara abana, bakubaka ingo zabo, ntibahe umurwanizi urwitwazo rw’ibitutsi.


ar’ umuntu atabonekak’ umugayo, afise umugore umwe gusa, afise abana bizera, bataregwa kw ar’ ibihumbu cank’ ibiganda.


ntihabeh’ umushakanyi, cank’ igihumane nka Esau, yagurānye ivyo kuba samuragwa kwiwe ingaburo imwe.


Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ