Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 13:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Mwibuke ababoshwe nk’ababohanywe na bo: mwibuke n’abagirirwa nabi, kuko namwe muri mu mubiri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Mwibuke abari mu mabohero, nk’aho mwoba muri kumwe na bo mw’ibohero. Mwibuke abababazwa nk’aho namwe mwumva ububabare bwabo mu mibiri yanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 13:3
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko wa mukevyi mukuru ntiyaruha yibuka Yosefu: aramwibagira.


nagenda gusa, muranyambika; nari ndwaye, muza kurāba uko mmeze; nari mw ibohero, muza kundāba.


nar’ ingenzi, ntimwampa indāro; nagenda gusa, ntimwanyambika; nari ndwaye, nari mw ibohero, ntimwaza kundāba.


Abarira umugabisha w’abasoda ijana kumurinda urw’ amaso, no kutabuza n’umwe mu bagenzi kumukorera.


Bukeye bg’aho dufata i Sidoni, Yuliyo agirira Paulo neza, amukundira kugendera abagenzi ngo bamuzimane.


munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira.


Kand’ urugingo rumwe iyo rubabaye, ingingo zose zirababazanywa na rwo: cank’ iy’ urugingo rumwe ruhawe icubahiro, ingingo zose zihimbaranwa na rwo.


Ni co gitumye mbinginga, jewe imbohe y’Umwami wacu, ngo mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe,


Uku ni kwo gutasha kwanje Paulo, kwanditswe n’ukwanje kuboko. Mwibuke iminyororo yanje. Ubuntu bubane namwe.


Kuko mwababaranye n’ababoshwe, kandi mwemeye munezerewe kunyagwa ivyo mutunze, mumenya yuko mufise itunga riruta ivyo kuba ryiza, rikamaho.


bicishijwe amabuye, bākerewemwo kubiri, bārageragejwe, bicishijwe inkota, bāyerera bambaye insāto z’intama n’iz’ impene, bāri baburaniwe, bababazwa, bagirirwa nabi,


Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ