Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 12:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nuko mushire imitima kur’ uyo yihanganiye ibihāri bihambaye birtyo abanyavyaha bāmuhāririje, ntimucobogore, ntimudendebukirwe mu mitima yanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Mwiyumvire ingene yagwanijwe n’abanyavyaha, kugira ngo ntimucike intege mu mitima yanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 12:3
46 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni wadendebukirwa ku musi w’ivyago Inkomezi zawe zizoba zari nke.


Umwami Uhoraho ampaye ururimi rw’abigishwa, kugira ngo mmenye uko nosindagirisha ūrushe amajambo; ankangura uko bukeye, akangurira ugutwi kwanje kwumva, nk’ukw abigishwa bumviriza.


Umwana w’umuntu yaje, arya, anywa, baravuga bati Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha. Kand’ ubgenge burangwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabgo.


Arikw Abafarisayo bavyumvise baravuga, bat’ Uyu ntashobozwa n’ikindi gusenda abadayimoni, atari Beyezebuli, umukuru w’abadayimoni.


bati N’iki gitumye abigishwa bawe barenga imigenzo twabgirijwe n’aba kera, ntibakarabe iyo bagira barye?


Yinjiye mu rusengero, arikw arigisha, abaherezi bakuru n’abashingantahe b’ubgo bgoko baza kuri we, baramubaza, bati N’ububasha ki bugutera gukora ivyo? Kandi ni nde yaguhaye ubgo bubasha?


Barondeye ingene bomufata, batinya abantu, kuko bamwiyumvira kw ar’ ūvugishwa n’Imana.


Bun’ Abafarisayo baragenda baja inama, ngo baronke ingene bomutegera mu majambo yovuga.


Yinjiye mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarisayo kw isabato kurya, baramugenza.


Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe barīdodomba, bat’ Uyo yiyegereza abanyavyaha, agasangira na bo.


Abafarisayo, bār’ abakunzi b’ubutunzi, bumvise ivyo vyose, baramutwenga cane.


Simeyoni arabahezagira, abgira nyina Mariya, at’ Umve, uyu ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke, no kuzoba ikimenyetso kigawa,


Abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo batangura kwibūranya, bat’ Uyo ni nde arogose? Ni nde ashobora guharira ivyaha atar’ Imana yonyene?


benshi muri bo bat’ Arimwo dayimoni, kandi yāsaze: mumwumviririza iki?


Avuze artyo, umwe mu bagendanyi ahagazeho akubita Yesu urushi, at’ Uko ni ko wishura umuherezi mukuru?


Ni co catumye Abayuda bahama Yesu, kuko yakoze ivyo kw isabato.


Haba ivyongoshwe vyinshi mw ishengero bamuvuga: bamwe bati N’umuntu mwiza, abandi bat’ Oya, arazimiza abantu.


Abafarisayo baramubgira, bat’ Ereg’ urishingira intahe, intahe yawe s’iy’ ukuri.


Abayuda baramubgira, bati Noneho turamenye k’urimwo dayimoni. Aburahamu yarapfuye, n’abāvugishwa n’Imana n’uko, ariko wewe uvuze, uti Ni hagira uwitondera ijambo ryanje, nta ho azokwumviriza ku rupfu.


Baca batora amabuye yo kumutera, maze Yesu arihisha, ava mu rusengero.


Bamwe mu Bafarisayo bāri kumwe na we bumvise ivyo, bati Mbega natwe tur’ impumyi?


Nuko bene Data nkunda, mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ ubutame bganyu atar’ ubg’ ubusa mu Mwami.


Ni co gituma tutihebura, kuko dufise ubgo busuku, nk’uko twagiriwe ikigongwe.


Ni co gituma tutihebura; ariko, nah’ umuntu wacu wo ku rukoba arikw arabora, umuntu wacu w’imbere yama ahinduka musha uko bukeye.


Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.


ati Ni mwumve, yemwe Bisirayeli: uyu musi mwēgereye urugamba ngo murwane n’abansi banyu; ntimuranduke imitima, ntimutinye, ntimugire ubgoba, canke ngo mubacikire ivutu;


Ariko mweho bene Data, ntimurambirwe no gukora iciza.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


kandi mwibagiye rya jambo ribahubūra ribahanūra nk’abana, ngo Mwana wanje, ntugaye igikāngīro c’Uhoraho, Kandi ntudendebukirwe ni yaguhana.


Nuko rero, bene Data bera, abasangiye ihamagarwa riva mw ijuru, ni mwitegereze Yesu, intumwa n’umuherezi mukuru w’ivyo twizeye tukavyatura,


yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Īdaca urwa nkunzi.


Kand’ ugira ukwihangana, wirengagije ivy’ ugirirwa kw izina ryanje, ntiwacobogora.


Ariko gusa, ni mwubahe Uhoraho, mumukorere mushize igikonyo, bivuye mu mutima; murābe ivyo yabakoreye ingen’ ar’ ibihambaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ