Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 11:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ukwizera ni kwo kwatumye aba inyambukīra mu gihugu yasezeraniwe, nk’ikitar’ iciwe, akabana mu mahema na Isaka na Yakobo, abāraganywe na we ivyo vyasezeranywe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ashitse muri ico gihugu Imana yamusezeraniye, yahabaye mu kwizera, kuko yari nk’umunyamahanga. Yaba mu mahema, kandi na Isaka na Yakobo, abaragwa b’iryo sezerano, na bo vyabagendeye uko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 11:9
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arikora avayo, aja ku musozi wo ku ruhande rw’i burasirazuba rw’i Beteli, ahashinga amahema; i Beteli hasigara i burengerazuba bgiwe, i Hayi hakaba i burasirazuba bgiwe: na ho nyene ahubakira Uhoraho igicaniro, yambaza izina ryiwe.


Aburamu yunguruza amahema, aragenda, aba i ruhande y’ibiti vya Mamure vyitwa imyeloni, bir’ i Heburoni, ahubakira Uhoraho igicaniro.


Nukw agenda aratāhīra, ava i Negebu arinda ashika i Beteli, ha hantu yashinze ihema ryiwe ubga mbere, hagati y’i Beteli n’i Hayi,


Kandi wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, nzobaha iki gihugu wabayemw’ ur’ inyambukīra, ni co gihugu cose c’i Kanani, kuba ishamvu y’ibihe vyose: na bo nzoba Imana yabo.


Aburahamu yitera mw ihema aho Sara ari, ati Tunganya n’ingoga ivyibo bitatu vy’ifu igogōretse, urondere umutsima.


Baramubaza, bati Sara umugore wawe ari hehe? arabishura, at’ Ari mw ihema.


Aburahamu amara imisi myinshi ar’ inyambukīra mu gihugu c’i Bufilisitiya.


ati Jewe ko nd’akavantara n’inyambukīra muri mwebge; none ni mumpe i wanyu aho nokwīzīzira ho guhamba, kugira ngo mpambe umuntu wanje amve mu maso.


Abo bahungu barakura; Esau aba umuhigi w’umuhinga, w’ umunyeshamba; Yakobo we yaratekereza, yībēra mu mahema.


Kand’ iguhe umugisha yahaye Aburahamu, wewe n’uruvyaro rwawe na rwo, kugira ngo wegukire iki gihugu wabayemwo kitār’ icanyu, ico Imana yemereye guha Aburahamu.


Nuko Labani ashikīra Yakobo. Yakobo yar’ashinze amahema ku musozi, Labani na bene wabo na bo bashinga ku musozi w’i Gileyadi.


Yakobo ashika kwa se Isaka, i Mamure, i Kiriyati‐Araba, ari ho Heburoni, aho Aburahamu na Isaka bāba nk’abashitsi.


Kukw itunga ryabo ryari ryinshi, bigatuma badashobora kubangikana; kand’ igihugu bari bararoyemw’ ar’ inyambukīra, nticabakwira kubg’ amasho yabo.


Yakobo yishura Farawo, at’ Imyaka y’ukuyerera kwanje kw isi n’ijana na mirongwitatu: iyo myaka mbayeho ibaye mike kandi mibi, ntingana n’imyaka ba sogokuruza bamaze, mu misi y’ukuzenzagira kwabo.


Bāri bakir’ abantu b’imparūrwa, Mbere bāri bake cane, kand’ ar’ inyambukīra muri co,


canke ngo muze mwigere mwubaka inzu, canke ngo murime, canke ngo mutere uruzabibu canke ngo hagire ūzorwitirirwa; at’ Arikw imisi muzomara yose muze mube mu mahema, kugira ngo mubone kuramba mu gihugu mubamwo.


Ni co catumye Imana, kukw igomba kurushiriza kwereka abaragwa b’ivyasezeranywe ingen’ imigabo yayo idahinduka, ishira hagati indahiro kuba umuhūza;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ