Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 10:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Mperako ndavuga, nt’ Ehe ndaje, (Mu muzingo w’igitabo ni ko vyanditswe kuri jewe) Nzanywe no gukora ivy’ ugomba, Mana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nanje ndavuga nti: ‘Ndi hano, nje gukora ivyo ugomba, Mana, nk’uko umuzingo w’igitabu umvugako.’”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 10:7
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.


babona umuzingo w’igitabo mu rugo rw’i bgami ahitwa Akimeta, mu gihugu c’i Bumedi; uwo muzingo wari wanditswemw’ ibi, ngw Icibutso:


Niginagura mw isi yayo yāgānutse; Mpimbarwa n’abana b’abantu.


Umwami Uhoraho anziburuye ugutwi, nanje sinabaye ikigāba, canke ngo mpindukire nsubire inyuma.


rit’ Abīra umuzingo w’igitabo, wandikemw’ amajambo yose nakubariye abūrira Abisirayeli n’Abayuda n’amahanga yose, utanguye umusi nakubaririye, uhereye ku ngoma ya Yosiya, ugashitsa no kur’ uyu musi.


Ngize ntya, mbona ukuboko kuramvuye kuza iyo ndi; maze mbona gufise umuzingo w’ igitabo;


Nukw arambarira, ati Mwana w’umuntu, ico ubonye ukirye; urye uwo muzingo, uheze ugende, ubarire inzu ya Isirayeli.


Yesu arababgira, at’ Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Nta co nshobora gukora nigeneye; uko numvise ni ko nca urubanza, kand’ urubanza nca rurabereye, kuko ntarondera ivyo nigombera, ariko ndondera ivyo uwantumye agomba.


Kuko ntākūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’ uwantumye agomba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ