Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Wakunze ukugororoka, wanka ubugarariji, Ni co catumye Imana, ni yo Mana yawe, ikurobanuza amavuta y’umunezero, ikakurutisha bagenzi bawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Wakunze ubugororotsi, wanka ikibi; ni co gituma Imana, ari yo Mana yawe, yagutoranije, ikagusiga amavuta y’umunezero, ikakurutisha bagenzawe.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 1:9
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho asuzuma abagororotsi: Arik’ umunyakibi n’ūkunda umuryano, umutima wiwe urabanka.


Amateka washinze ni yo andonkesha ubgenge, Ni co gituma nanka inzira z’ibinyoma zose.


Ni co gituma niyumvira yukw amateka washinze yose atunganye; Kandi nanka inzira yose y’ibinyoma.


Abami bo mw isi baragomoye, N’abakuru bahūrije ingingo hamwe Kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta;


Ati Ni jewe niyimikiye umwami wanje Kuri Siyoni, umurwa wanje wera.


Untegurira ameza mu maso y’abansi banje; Wansīze amavuta mu mutwe; igikombe canje kirasēsekaye.


Akunda kugororoka n’imanza zibereye: Isi yuzuye imbabazi z’Uhoraho.


Uhoraho akunda imanza ziroranye, Ntaheba abakunzi biwe. Bazigamwa ibihe vyose; Arik’ uruvyaro rw’abanyakibi ruzorandurwa.


Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; Mber’ ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje.


Ingoma yawe Mana, ihangamye ibihe bidashira, Icumu ry’ubugabe bgawe n’ icumu ry’ūganza atunganye.


Wakunze ukugororoka, wanka ubugarariji: Ni co catumye Imana, ni yo Mana yawe, Ikurobanuza amavuta y’umunezero ikakurutisha bagenzi bawe.


Nabonye Dawidi umusavyi wanje, Namurobanuje amavuta yanje yera:


Azontakambira, ati Ni wewe Data, Imana yanje, igitandara c’ agakiza kanje.


Kwubaha Uhoraho ni kwo kwanka ikibi: Ubgibone n’amanyama n’inzira y’ikibi N’akanwa k’ibidadi, ndavyanka.


Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka, imyeloni yatewe n’ Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.


Kuko jewe Uhoraho nkunda ibiroranye, nanka ubgambuzi n’ibigabitanyo; kandi nzobashumbusha ibikwiranye n’ukuri kwanje, nzosezerana namwe isezerano ritazoshira.


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


ntihakagire n’umwe muri mwebge yīgīra imigabo mu mutima wiwe yo kugirira nabi mugenzi we: kukw ivyo vyose ari vyo nanka, ni k’Uhoraho agize.


Ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;


ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza: Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, N’impumyi ko zihumūka, No kubohora abanywagutse imitima,


Uyo abanza kurondera mwene nyina Simoni, aramubgira, ati Twabonye Mesiya (risobanurwa ngo Kristo).


Igituma Data ankunda, n’uko ndekura ubugingo bganje, ngo mpeze nsubire kubgābīra.


Yesu aramubgira, ati Ntunkoreko, kuko ntaradūga kwa Data; ariko genda kwa bene Data, ubabarire, ut’ Agira adūge kwa Se ari we So, uti Ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.


Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y’Imana, kukw idatanga Mpwemu ku ngero.


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


Abami bo mw isi batonze urugamba, N’abakuru bakoraniye hamwe, Kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta.


Kandi vy’ukuri mur’ iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta,


Urukundo rwanyu rwoye kuba uruheyiheyi. Mwanke ibibi, mumatane n’ivyiza;


Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro biva ku kwizera, kugira ngo murushirize kwizigira ibizoba, mubihawe n’ubushobozi bga Mpwemu Yera.


Imana n’iyo kwizerwa, yabahamagariye kugirirana ubumwe n’Umwana wayo Yesu Kristo Umwami wacu.


Imana y’Umwami Yesu, ni yo Se, ishimwa ibihe bidashira, irazi ko ntabesha.


Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa,


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw ijuru muri Kristo:


Ni co catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose:


Kuk’ uweza n’abezwa bose bākomotse kur’ Imwe: ni co gituma atagira isoni zo kubīta bene Se,


Ariko, uwacishijwe bugufi, akaba musi y’abamarayika gato, ni we Yesu, tumubona yambitswe ubgiza n’icubahiro nk’igitsibo, kubg’ imibabaro y’urupfu, kugira ng’ ubuntu bg’Imana butume arogorera umuntu wese urupfu.


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


ico twabonye tukacumva ni co tubabgira namwe, kugira ngo namwe mufatanye natwe. Kandi natwe dufatanije na Data wa twese n’Umwana wiwe Yesu Kristo.


Ni ko nawe, ufise abakomeza inyigisho z’Abanikolayiti nk’uko nyene.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ