Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ariko, ivy’ Umwana wayo yabivuze, it’ Ingoma yawe, Mana, ihangamye ibihe bidashira, Icumu ry’ubugabe bgawe n’icumu ry’ūganza atunganye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko ku vyerekeye Umwana, ivuga iti: “Ukuganza kwawe, ewe Mana, kuzokwamaho. Ubugororotsi ni ryo cumu ry’inganji y’Ubwami bwawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 1:8
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imana y’Abisirayeli yaravuze, Igitandara c’Abisirayeli yarambgiye, It’ Ūganza abantu mu bugororotsi, Agatwara yubaha Imana,


Ubgami bgawe n’ubgami bg’ ibihe bidashira, Ubugabe bgawe buzohangama uk’ urunganwe ruzogenda rukurikira urundi.


Mu misi yiwe abagororotsi bazororanirwa, Kandi hazosēndēra amahoro, gushitsa ah’ ukwezi kuzoviraho.


Inkomezi z’umwami n’ugukunda imanza zibereye; Ni wewe ushinga ibiroranye. Imanza zibereye n’izigororotse ni wewe ubikorera mu ba Yakobo.


Uhoraho, muri we ni ho uruvyaro rwose rwa Isirayeli ruzotsindanishiririzwa, rukamwirata.


Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.


Maze Yeremiya abarira Zedekiya, ati Ni nakikubarira, wobura kunyica? Kandi ni nakugīra inama, na ho nyene ntiwonyumva.


Ariko nzogirira ikigongwe inzu ya Yuda, mbakize jewe Uhoraho Imana yabo; kandi sinzobakirisha umuheto, cank’ inkota, cank’ intambara, cank’ amafarasi, cank’ abayagenderako.


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


ngo Rāba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe.


Tur’ abera tugororoka mu nyonga zayo imisi yacu yose.


Abayuda baramwishura, bati Ntituguterera amabuye kubg’ igikorwa ciza, ariko n’uko warogose; kuko wewe ur’ umuntu ukīgira Imana.


Toma aramwishura, ati Mwami wanje, kandi Mana yanje.


bafise ba sogokuruza ba bandi, kandi ku mubiri Kristo yamutse kuri bo, ni we ari hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amen.


Kuko guhangama azokwama ahangamye gushitsa ah’ azoshirira abansi biwe bose musi y’ibirenge vyiwe.


Mugabo, igihugu c’Abamoni co ntimwācēgereye, uhereye no ku mwonga wo kuri Yaboki no ku bisagara vyo mu mugamba waho, n’ahandi hose ah’ Uhoraho Imana yacu yatubujije gutēra.


Muzogira umuhezagiro gusumba ayandi mahanga yose; ntihazoba ingumba y’umugabo canke y’umugore muri mwebge, canke mu masho yanyu.


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


Kuko ni vyaba birtyo, muzohabga rwose kwinjira mu bgami budashira bga Yesu Kristo, ni we Mwami n’Umukiza wacu.


Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ