Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kand’ ivy’ abamarayika yarabivuze, it’ Ihindura abamarayika bayo imiyaga, Abasavyi bayo ibahindura imbeya z’umuriro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ku bijanye n’abamarayika, yavuze iti: “Abamarayika bayo ibahindura imiyaga, abakozi bayo ikabagira imbeya z’umuriro.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 1:7
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko yirukana uwo muntu; kandi mu ruhande ruhera i burasirazuba rw’iryo tongo ryo muri Edeni, ahashira Abakerubi, bo n’inkota yaka umuriro, itangatanze impande zose, ngw itangīre inzira ija kuri ca giti c’ubugingo.


Mikaya arongera, ati None rero ni wumve ijambo ry’Uhoraho: mbonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw ijuru zimuhagaze i buryo n’i bumoso.


Hanyuma bakiriko baragenda bayāga, bagize bartya, umukogote w’umuriro n’amafarasi y’umuriro birabatandukanya; Eliya adūganwa mw ijuru n’agashururu.


Maze Elisa arasenga, at’ Uhoraho ndakwinginze, muhumūre amaso, arābe. Nuk’ Uhoraho ahumūra amaso y’uwo musore, ararāba, abona umusozi wuzuyekw amafarasi n’imikogote vy’umuriro bikikije Elisa.


Uhindura abamarayika bawe imiyaga, Abasavyi bawe ubahindura umuriro waka.


Abaserafi bari bahagaze hejuru yiwe: umuserafi wese yar’ afise amababa atandatu: abiri yayatwikiriza mu maso, yandi abiri yayatwikiriza ibirenge, yandi abiri yarayagurukisha.


Uruzi rw’ umuriro rwiburuka ruva imbere yiwe; ibihumbi n’ibihumbi baramukorera, kand’ amasinzi n’amasinzi bari bahagaze imbere yiwe. Imanza zirashingwa, ibitabo birazingururwa.


Umumarayika aranyishura, at’ Ivyo n’imiyaga ine yo mw ijuru, ivuye gushengerera Nyen’ isi yose.


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ