9 Umwami araheza ahamagaza Ziba, yar’ umunyarugo wa Sauli, at’ Ivyar’ ivya Sauli vyose n’ivyar’ ivy’ abo mu nzu yiwe bose, mbigabiye mwene shobuja.
Umwami aramubaza, ati Mbega mwene shobuja we ari hehe? Ziba aramwishura, at’ Erega yigumiye i Yerusalemu, kuko yavuze ng’ uyu musi ab’ inzu ya Isirayeli baramusubiza ku ngoma ya se.
Maz’ umwami abarira Ziba, at’ Ehe rāba, ivyar’ ivya Mefibosheti vyose ndabikugabiye. Ziba aramwishura, ati Ndagukūriye ubgatsi, mwami wanje nyen’ ingoma; urakāma untonesha.
Umwami aramwishura, ati N’iki gituma ushishikara kuzana amajambo y’ivyawe? Namaze kubiheza: mwe na Ziba ni mugende mugabure iryo tongo.
Mefibosheti yishura umwami, ati Ni yagomba n’atware ryose; kizima ugarutse amahoro mu rugo rwawe, mwami wanje nyen’ ingoma.
Arik’ umunyabuntu imigabo yiwe n’ukugira ubuntu, kand’ ukwo kugira ubuntu azogushishikara.
Hār’ umuntu w’Umubenyamini yitwa Kishi; yari mwene Abiyeli, Abiyeli wa Serori, Serori wa Bekorati, Bekorati wa Afiya w’ Umubenyamini; yar’ umuntu w’umutunzi.