Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 9:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Dawidi aramubarira, ati Mpore nta co utinya, kuko ntazobura kukugirira neza kubga so Yonatani, kandi nzogusubiza amatongo yose ya sogokuru Sauli, kand’ uzohora urīra ku meza yanje na ntaryo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 9:7
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baratinya kukw abinjije mu nzu ya Yosefu: baravugana, bati Ya mahera yagaruka mu magunira yacu, hamwe twaza mbere, ni yo atumye twinjizwa, ngw atwidandagazeko, adusūmire, atugire abaja, anyage n’indogoba zacu.


Arabishura, ati Ni musubize imitima mu nda, mureke gutinya: Imana yanyu, Imana ya so, ivyo n’ivyo yabihēreye mu magunira yanyu: jeho amahera yanyu narayahawe. Asohora Simeyoni, aramubazanira.


nkwinjiza ingoro ya shobuja, nguha n’abagore biwe ngo bagusegure; kandi nkugabira umuryango wa Isirayeli n’ uwa Yuda; kand’ iyo biba vyarabaye bike, mba narakwongeye n’ibindi.


kukw abo mu rugo rwa data twese imbere yawe twār’ abo gupfa gusa; uraheza jewe umusavyi wawe unshira mu barīra ku meza yawe. None har’ ikindi novuga ngo ngutakambire ga mugenzi?


Umwami aramwishura, ati N’iki gituma ushishikara kuzana amajambo y’ivyawe? Namaze kubiheza: mwe na Ziba ni mugende mugabure iryo tongo.


Maz’ umwami abarira Baruzilayi, ati Ngwino tujabukane, nanje nzokumarira vyose dushitse i wanje i Yerusalemu.


Arik’ umwami Dawidi arēngāna Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli, kubg’ indahiro bārahiriye imbere y’ Uhoraho, bo na Yonatani nyene, mwene Sauli.


Bukeye Dawidi arabaza, ati Mbega har’ agasigarira mu nzu ya Sauli koba kakiriho, kugira ngo ndamugirire neza kubga Yonatani?


Nawe uz’ uhore umurimira, mwe n’ abahungu bawe n’abantu bawe, mumushikirize imyimbu, kugira ngo mwene shobuja az’ ahore abona ibimutunga. Ariko Mefibosheti mwene shobuja ubgiwe azohora arīra ku meza yanje na ntaryo. Kandi Ziba yar’ afise abahungu cumi na batanu n’abantu atunze mirongwibiri.


Maze Ziba yishura umwami, at’ Ivy’ umbariye vyose, jewe umusavyi wawe, ni ko nzobigenza, mwami wanje nyen’ ingoma. Nuko Mefibosheti yama arīra ku meza y’ umwami nk’uwo mu bana b’ umwami.


Nuko Mefibosheti aba i Yerusalemu, kuko yama arīra ku meza y’umwami; kandi yari yaramugaye ibirenge vyompi.


Umwami aramubaza, ati Mbega mu nzu ya Sauli nta woba akiriho ngo ndamugirire neza kubg’ Imana? Ziba yishura umwami, ati Haracarih’ umwana wa Yonatani amugaye ibirenge.


Ariko bene Baruzilayi Umugileyadi uz’ ubagirire neza, ubashire mu barīra ku meza yawe; kuko na bo bangiriye neza igihe nari narahunze mukurwawe Abusalomu.


Amunyuranurira impuzu zo mw ibohero amwambika izindi, amuha kwama asangira na we na ntaryo, imisi yose yamaze akiriho.


Mber’ umukunzi wanje pfampfe, uwo nizigira, nagaburira, Na we ambanguriye umugere.


Amunyuranurira impuzu zo mw ibohero amwambika izindi, amuha kwama asangira na we na ntaryo, imisi yose yamaze akiriho.


rit’ Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagize, ati Ni muce imanza ziroranye, umuntu wese agirire mugenzi we imbabazi n’ikigongwe.


ngo muze murīre, munywere ku meza yanje mu bgami bganje: kandi muzokwicara ku ntebe z’icubahiro, mucire imanza imiryango y’Abisirayeli, ukw ar’icumi n’ibiri.


Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire.


Ariko gusa, ni mwubahe Uhoraho, mumukorere mushize igikonyo, bivuye mu mutima; murābe ivyo yabakoreye ingen’ ar’ ibihambaye.


na ho ni napfa, na ho nyene ntuz’ ukūre imbabazi zawe ku nzu yanje gushitsa ibihe vyose, eka mbere gushitsa ah’ Uhoraho azoba ahejeje kurandura abansi bawe bose kw isi.


N’ugume aho ndi, ntutinye; kuk’ ūmpīga ari we aguhīga: ariko ni wagumana nanje nta co uzoba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ