Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 9:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Nuko Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli arenguka imbere ya Dawidi; akubita inkoro hasi, aramwunamira. Maze Dawidi aravuga, ati Mefibosheti! Aritaba, ati Sabge!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 9:6
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

yunamuye amaso abona abagabo batatu bahagaze bamutumbereye: ababonye, ava mu muryango w’ihema, yirukanga kubasanganira, akubita inkoro hasi,


Maz’ ubgiwe abaja imbere, akubita inkoro hasi ibihetangabo ndwi, kugeza yegereye mukuru we.


Maze Sauli akebutse inyuma arambona, arampamagara, ndamwitaba, nti Sabge!


Maz’ umwami abarira Ziba, at’ Ehe rāba, ivyar’ ivya Mefibosheti vyose ndabikugabiye. Ziba aramwishura, ati Ndagukūriye ubgatsi, mwami wanje nyen’ ingoma; urakāma untonesha.


Arik’ umwami Dawidi arēngāna Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli, kubg’ indahiro bārahiriye imbere y’ Uhoraho, bo na Yonatani nyene, mwene Sauli.


Kandi Yonatani mwene Sauli yar’ afise umwana yamugaye ibirenge. Igihe imbitsi yaza ivuye i Yezireli kubika Sauli na Yonatani, uwo mwana yar’ amaze imyaka itanu avutse; maz’ umurezi wiwe aramuhitana, arahunga; akinyaragasa ahunga, aramukorokana, yikubita hasi, aca amugara. Nya mwana yitwa Mefibosheti.


Maz’ umwami Dawidi aratuma, baramuzana bamukūye kwa Makiri mwene Amiyeli i Lo‐debari.


Umuhungu wa Yonatani ni Meribu‐bayali, Meribu‐bayali avyara Mika.


Umuhungu wa Yonatani ni Meribu‐bayali; Meribu‐bayali avyara Mika.


Nuk’ uwo mwana amaze kugenda, Dawidi asokoroka aho yar’ ari i ruhande ya ca gihongo, akubita inkoro hasi, amwunamira gatatu; maze baragūmbīrana, bararira, ariko Dawidi we ararushiriza.


Nuko Abigayili abonye Dawidi, ava ku ndogoba yiwe vuba, akubita inkoro hasi, aramwūnamira;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ