Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 9:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Umwami aramubaza, ati Mbega mu nzu ya Sauli nta woba akiriho ngo ndamugirire neza kubg’ Imana? Ziba yishura umwami, ati Haracarih’ umwana wa Yonatani amugaye ibirenge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 9:3
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aramwishura, at’ Ereg’ umuntu wanje yarampenze, mwami wanje nyen’ ingoma; kuko jewe umusavyi wawe namubgiye ngw anshirire amatandiko ku ndogoba kugira ngo ndayigendereko njane nawe, mugenzi, kuko jewe umusavyi wawe nd’ikimuga.


Hanyuma aza kukumbesherako, mwami wanje nyen’ ingoma; ariko rero mugenzi, umeze nk’umumarayika w’ Imana; nuko n’ukore ico ugomba;


Kandi Yonatani mwene Sauli yar’ afise umwana yamugaye ibirenge. Igihe imbitsi yaza ivuye i Yezireli kubika Sauli na Yonatani, uwo mwana yar’ amaze imyaka itanu avutse; maz’ umurezi wiwe aramuhitana, arahunga; akinyaragasa ahunga, aramukorokana, yikubita hasi, aca amugara. Nya mwana yitwa Mefibosheti.


Nuko Mefibosheti aba i Yerusalemu, kuko yama arīra ku meza y’umwami; kandi yari yaramugaye ibirenge vyompi.


Dawidi aramubarira, ati Mpore nta co utinya, kuko ntazobura kukugirira neza kubga so Yonatani, kandi nzogusubiza amatongo yose ya sogokuru Sauli, kand’ uzohora urīra ku meza yanje na ntaryo.


Mugire imbabazi, nk’uko So agira imbabazi.


Ariko rero, Uhoraho yarangirije umutima kuri ba sogokuruza, arabakunda, atoranya n’uruvyaro rwabo ruzoza hanyuma, ni rwo mwebge, abasumbisha ayandi mahanga yose, nk’uko biri na bugingo n’ubu.


Kandi kuko yakunda ba sogokuruza banyu, ni co catumye atoranya uruvyaro rwabo, we ubgiwe akabakūra muri Egiputa, abakūjey’ ubushobozi bgiwe buhambaye,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ