2 Maze hār’ umunyarugo wa Sauli yitwa Ziba; nuko baramuhamagara ngo yitabe Dawidi. Umwami aramubaza, ati Ni wewe Ziba? Na we at’ Ego me, ni jewe Ziba umusavyi wawe.
Aburahamu abarira umubgiriza wiwe, umukuru wo mu rugo rwiwe, yabgiriza ivyo yar’ afise vyose, at’ Enda n’ushire ukuboko kwawe musi y’ikibero canje,
Yegurira Yosefu ivyo yar’ afise vyose; ntiyagira ikindi yibaza, atar’ ivy’ arya gusa. Kandi Yosefu yari mwiza w’umunyakaranga.
kandi yari kumwe n’ abantu igihumbi b’Ababenyamini nyene. Kandi Ziba, umwe nyene yamye ar’ umusavyi wa Sauli n’ inzu yiwe, arindimuka kuri Yorodani ari kumwe n’abahungu biwe ukw ar’ icumi na batanu n’abantu biwe ukw ari mirongwibiri, umwami abarorēra,
bajabuka icambu kugira ngo bajabutse abo mu rugo rw’umwami, bamukorere n’ivyo agomba. Maz’ umwami agira ngw ajabuke Yorodani, Shimeyi mwene Gera yikubita hasi imbere yiwe.