Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 9:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nuko Mefibosheti aba i Yerusalemu, kuko yama arīra ku meza y’umwami; kandi yari yaramugaye ibirenge vyompi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 9:13
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma aza kukumbesherako, mwami wanje nyen’ ingoma; ariko rero mugenzi, umeze nk’umumarayika w’ Imana; nuko n’ukore ico ugomba;


Kandi Yonatani mwene Sauli yar’ afise umwana yamugaye ibirenge. Igihe imbitsi yaza ivuye i Yezireli kubika Sauli na Yonatani, uwo mwana yar’ amaze imyaka itanu avutse; maz’ umurezi wiwe aramuhitana, arahunga; akinyaragasa ahunga, aramukorokana, yikubita hasi, aca amugara. Nya mwana yitwa Mefibosheti.


Kandi Mefibosheti yar’ afise akana k’agahungu kitwa Mika. Nukw abo mu rugo rwa Ziba bose baba abantu ba Mefibosheti.


Umwami aramubaza, ati Mbega mu nzu ya Sauli nta woba akiriho ngo ndamugirire neza kubg’ Imana? Ziba yishura umwami, ati Haracarih’ umwana wa Yonatani amugaye ibirenge.


Dawidi aramubarira, ati Mpore nta co utinya, kuko ntazobura kukugirira neza kubga so Yonatani, kandi nzogusubiza amatongo yose ya sogokuru Sauli, kand’ uzohora urīra ku meza yanje na ntaryo.


Amunyuranurira impuzu zo mw ibohero amwambika izindi, amuha kwama asangira na we na ntaryo, imisi yose yamaze akiriho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ