Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 9:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Maze Ziba yishura umwami, at’ Ivy’ umbariye vyose, jewe umusavyi wawe, ni ko nzobigenza, mwami wanje nyen’ ingoma. Nuko Mefibosheti yama arīra ku meza y’ umwami nk’uwo mu bana b’ umwami.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 9:11
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ abantu b’umwami baramwishura, bati Mwami wacu nyen’ ingoma, abasavyi bawe twiteguye gukora ic’ ugomba cose.


kandi yari kumwe n’ abantu igihumbi b’Ababenyamini nyene. Kandi Ziba, umwe nyene yamye ar’ umusavyi wa Sauli n’ inzu yiwe, arindimuka kuri Yorodani ari kumwe n’abahungu biwe ukw ar’ icumi na batanu n’abantu biwe ukw ari mirongwibiri, umwami abarorēra,


Na Mefibosheti umwuzukuru wa Sauli aramanuka, aza gusanganira umwami; uhereye umusi umwami yagīriye, ugashitsa umusi yagarukiye i we amahoro, ntiyongeye kwiyoga ibirenge, canke ngw aringanize ubganwa, canke ngw amesure impuzu.


Aramwishura, at’ Ereg’ umuntu wanje yarampenze, mwami wanje nyen’ ingoma; kuko jewe umusavyi wawe namubgiye ngw anshirire amatandiko ku ndogoba kugira ngo ndayigendereko njane nawe, mugenzi, kuko jewe umusavyi wawe nd’ikimuga.


Nawe uz’ uhore umurimira, mwe n’ abahungu bawe n’abantu bawe, mumushikirize imyimbu, kugira ngo mwene shobuja az’ ahore abona ibimutunga. Ariko Mefibosheti mwene shobuja ubgiwe azohora arīra ku meza yanje na ntaryo. Kandi Ziba yar’ afise abahungu cumi na batanu n’abantu atunze mirongwibiri.


Kandi Mefibosheti yar’ afise akana k’agahungu kitwa Mika. Nukw abo mu rugo rwa Ziba bose baba abantu ba Mefibosheti.


Nuko Mefibosheti aba i Yerusalemu, kuko yama arīra ku meza y’umwami; kandi yari yaramugaye ibirenge vyompi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ