Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 9:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bukeye Dawidi arabaza, ati Mbega har’ agasigarira mu nzu ya Sauli koba kakiriho, kugira ngo ndamugirire neza kubga Yonatani?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 9:1
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Unteye akabonge, ncuti yanje Yonatani! Ewe kuntu nagukunda! Urukundo wankunda rwar’ igitangaza, Rwaruta urukundo rw’abagore.


Arik’ umwami Dawidi arēngāna Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli, kubg’ indahiro bārahiriye imbere y’ Uhoraho, bo na Yonatani nyene, mwene Sauli.


Dawidi aramubarira, ati Mpore nta co utinya, kuko ntazobura kukugirira neza kubga so Yonatani, kandi nzogusubiza amatongo yose ya sogokuru Sauli, kand’ uzohora urīra ku meza yanje na ntaryo.


Ariko bene Baruzilayi Umugileyadi uz’ ubagirire neza, ubashire mu barīra ku meza yawe; kuko na bo bangiriye neza igihe nari narahunze mukurwawe Abusalomu.


Ntugahebe umukunzi wawe ubgawe, n’umukunzi wa so, Kandi ntuje kwa mwene wanyu ku musi uboneyekw amagorwa: Umubanyi wo hafi aruta mwene wanyu ari kure.


Kand’ ūzoha umwe mur’ abo bato urwato rw’amazi apfutse gusa kukw ar’ umwigishwa, ndababgira ukuri yukw atazobura impēra yiwe.


Umwami na we azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mwabigiriye umwe mur’ aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.


Umuntu wese azobaha n’urwato rw’amazi kuko muri mw izina rya Kristo, ndababgire ukuri, ntazobura impēra yiwe.


Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima;


Maze Yonatani abarira Dawidi, ati Genda amahoro, ko twarahiye mw izina ry’Uhoraho, tukavuga, tut’ Uhoraho azoba hagati yacu no hagati y’ uruvyaro rwacu gushitsa ibihe vyose. Nuko Dawidi arahaguruka aragenda; Yonatani na we asubira mu gisagara.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ