8 Kand’ umwami Dawidi yari yarasahuye imiringa myinshi cane mu bisagara vya Hadadezeri, ic’ i Beta n’ic’ i Berotayi.
Kandi Dawidi yari yaranyaze abantu ba Hadadezeri inkinzo z’izahabu bari bafise, azijana i Yerusalemu.
Hanyuma Imana yongera guhagurukiriza Salomo uwundi murwanizi, ni we Rezoni mwene Eliyada; uwo yari yarahunze shebuja Hadadezeri umwami w’i Zoba.
Hanyuma y’ivyo Dawidi anesha Abafilisitiya, abamara igabo, atsinda i Gati n’ibisagara bihakūkira, arabibanyaga.
Kandi Dawidi yari yarasahuye imiringa myinshi cane mu bisagara vya Hadadezeri, ic’ i Tibuhati n’ic’ i Kuni; iyo miringa ni yo Salomo yakoresheje ca gikarabiro citwa ikiyaga, na za nkingi, n’ibindi bintu vy’imbombovu vyakozwe mu miringa nyene.
Rāba mu bucumukure bganje niteguriye ingoro y’Uhoraho italanto z’izahabu ibihumbi ijana, n’iz’ ifeza ibihumbi igihumbi, niteguye n’imiringa n’ ivyuma bitogerwa, kukw ar’ isinzi; kandi niteguye n’ibiti n’amabuye; nawe uze wiyongererekw ibindi.
Rāba amazahabu n’amafeza n’imiringa n’ivyuma ntibigira uko vyoharūrika. None rero shirako, ukore, kand’ Uhoraho abane nawe.
batanga amazahabu italanto ibihumbi bitanu, n’ayandi y’intete zitwa dariki ibihumbi cumi, n’amafeza italanto ibihumbi cumi nyene, n’imiringa italanto ibihumbi cumi n’ umunani, n’ivyuma italanto ibihumbi ijana, kugira ngo bikoreshwe igikorwa c’iyo ngoro y’Imana.
n’i Hamati, n’i Berota, n’i Siburayimu ho hagati y’urugabano rw’i Damasiko n’urugabano rw’i Hamati, n’i Hazeri‐hatikoni hahera ku rugabano rw’i Hawurani.