Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 8:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Araheza akwiragiza amaboma mu gihugu c’i Siriya gikūkira i Damasiko; nukw Abasiriya baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 8:6
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ abami bose baganzwa na Hadadezeri, babonye ko baneshejwe n’Abisirayeli, barabīsaba, bemera kuganzwa na bo. Nukw Abasiriya batinya gusubira gutabara Abamoni ukundi.


Ico gihe Dawidi yari mw isenga, kandi har’ insago z’Abafilisitiya i Betelehemu.


none rero ni mubirāngūre; kuk’ Uhoraho yavuze ivya Dawidi, ng’ Umusavyi wiwe Dawidi ni we azokiza abantu biwe Abisirayeli, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya no mu y’abansi babo bose.


Nuko Dawidi arushiriza kuba agahambaye, kuk’ Uhoraho Imana Nyen’ ingabo yari kumwe na we.


uti Kandi yagendana nawe aho waja hose, ut’ Arandura abansi bawe bose imbere yawe; uti Kand’ azoguha izina rya rurangiranwa, nk’ukw abandi bahambaye bo mw isi bayafise.


Nukw ashira amaboma mu gihugu c’Abanyedomu, ayakwiragiza muri Edomu hose. Abanyedomu bose baca baba abatwarwa ba Dawidi. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.


Maz’ anesha Abanyamowabu, abarambika hasi mu mirongo, abageresha umugozi: agera imirongo ibiri, iba iyo kwicwa, uwa gatatu wose uba uwo guhangazwa. Nukw Abanyamowabu baca baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari.


Kandi Dawidi yari yaranyaze abantu ba Hadadezeri inkinzo z’izahabu bari bafise, azijana i Yerusalemu.


Kandi Salomo yaganza ibihugu vyose vy’abami, uhereye kuri rwa ruzi Efurate, ugashitsa ku gihugu c’Abafilisitiya ukagarukira ku rubibe rwa Egiputa, bakāma bamuzanira amashikanwa, bakamusaba, igihe cose yabaye ku ngoma.


Ahabu amaze gutanga, Abanyamowabu bagarariza Abisirayeli.


Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Yerobowamu, n’ivyo yakoze vyose, n’ivy’ ubuhizi bgiwe, n’ingene yarwanye intambara, n’uburyo yagaruriye Ubgisirayeli i Damasiko n’i Hamati, ahanyaze Abayuda, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli?


Kand’ Uhoraho yabana na we, akagira ukuboko kwiza aho yaja hose. Bukeye agarariza umwami w’i Ashuri, ntiyaba akimusaba.


Kandi Mesha umwami w’i Mowabu yar’ umutunzi w’intama; yama ashikanira umwami w’Abisirayeli ubgoya bukemuwe ku bana b’intama ibihumbi ijana, n’ubg’ amapfizi y’intama ibihumbi ijana nyene.


Nukw akwiragiza amaboma muri Edomu, Abanyedomu bose baca baba abatwarwa ba Dawidi. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.


Ashira ingabo mu bisagara vyose vy’i Buyuda bizitiriwe inzitiro z’amabuye, akwiragiza amaboma mu gihugu c’i Buyuda no mu bisagara vy’i Bgefurayimu, ivyo se Asa yihesheje umuheto.


Uhoraho, Bgirukiro we, nkomezi z’agakiza kanje, Ni wewe ukīngira umutwe wanje ku musi w’intambara.


Si wewe uzonshikanayo ga Mana yadutaye? Si wewe uzonshikanayo ga Mana itajana n’ingabo zacu?


Ifarasi itegurirwa umusi w’ intambara, Arik’ ukunesha kuva k’Uhoraho.


Bukeye Yonatani atera abo mu nsago z’ Abafilisitiya i Geba, arabatsinda; abandi Bafilisitiya baravyumva. Maze Sauli avugisha inzamba mu gihugu cose, kugira ngw Abaheburayo bavyumve.


Umusi ur’ izina, Yonatani mwene Sauli abarira umuhungu yamutwaza ibirwanishwa, ati Ngwino tujabuke tuje ku nsago z’Abafilisitiya hakurya. Ariko ntiyabibarira se.


Maze haba gucika ivutu aho bashagaje n’inyuma yaho, mbere no mu ngabo zose; abo mu nsago na ba banyazi na bo bagwa mu gatengo; isi na yo iratigita, haba gucika ivutu gutewe n’Imana.


Yonatani ni kwo kubarira uwo muhungu yamutwaza ibirwanishwa, ati Ngwino tujabuke tuje ku nsago za ziriya ntakebga; kumbure Uhoraho har’ ico yodukorera, kukw ata cobuza Uhoraho gukiza, atumye benshi canke bake.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ