5 Maz’ Abasiriya b’i Damasiko baje gutabara Hadadezeri umwami w’i Zoba, Dawidi abicamw’ ingabo ibihumbi mirongwibiri na bibiri.
Maz’ Abamoni babonye ko bateye Dawidi akayigo, batuma ku Basiriya b’i Beti‐rehobu n’ab’i Zoba, babaha impēra ngo babahe ingabo ibihumbi mirongwibiri, bahēra n’umwami w’i Mayaka, azana ingabo igihumbi, n’iz’ i Tobu ibihumbi cumi na bibiri.
Bukeye Dawidi anesha n’ umwami w’i Zoba, Hadadezeri mwene Rehobu, igihe Hadadezeri yaja gusubira kugandura igihugu yaganza co ku ruzi Efurate.
Imana ntizokūrah’ uburake bgayo: Ingabo za Bgibone zubama musi yayo.
Yamara rero Abanyegiputa s’Imana, n’abantu buntu; n’amafarasi yabo s’impwemu, n’ ay’ umubiri gusa: maz’ Uhoraho ni yabāngura ukuboko kwiwe, ūtabaye azotsitara, kandi n’ūtabawe azotemba, bose bahindikirane hamwe.
Kukw iremezo ry’i Siriya ari Damasiko, kand’ iremezo ry’i Damasiko ari Rezini; kand’ imyaka mirongwitandatu n’itanu itarashira Abefurayimu bazovungwavungwa, ntibabe bakiba ihanga;