Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 8:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Dawidi amunyaga ingabo zigendera ku mafarasi igihumbi n’amajana ndwi, n’izigendesha amaguru ibihumbi mirongwibiri; maz’ amafarasi akwega imikogote ayacagagura ibitsi, arikw asigaza ayakwiranye n’imikogote ijana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 8:4
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mushaha wanje, ntukaje mu nama zabo; Mutima wanje, ntugafatanye n’ikoraniro ryabo: Kuk’ uburake bgabo bgabateye kwica abantu, Bagatema n’ibitsi vy’inka kugira ngo bīmare ishavu.


Kandi Salomo yironderera imikogote y’intambara n’abo kugendera ku mafarasi; yar’ afise imikogote igihumbi n’amajana ane, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi cumi na bibiri, bamwe abashira mu bisagara bibīkwamw’ imikogote, abandi i we i Yerusalemu.


Dawidi amunyaga imikogote y’intambara igihumbi, n’ingabo zigendera ku mafarasi ibihumbi ndwi, n’izigendesha amaguru ibihumbi mirongwibiri; maz’ amafarasi akwega imikogote ayacagagura ibitsi, arikw asigaza ayakwiranye n’imikogote ijana.


Bamwe bizigira imikogote, abandi bizigira amafarasi, Ariko tweho tuzokwizigira izina ry’Uhoraho, Imana yacu.


Ikibujijwe, ntaze yironderere amafarasi menshi, canke ngw agire abantu atuma muri Egiputa kugira ngo yironkere umukimba w’amafarasi; kuk’ Uhoraho yababariye, ati Ntimuze musubire kujana iyo nzira ukundi.


Maz’ Uhoraho abarira Yosuwa, ati Ntubatinye; kukw ejo nk’aya mango bose nzobagabura bagwe imbere y’Abisirayeli; amafarasi yabo uz’ uyacagagure ibitsi, n’imikogote yabo uz’ uyiturire.


Yosuwa abagirira nk’uk’ Uhoraho yamubariye; amafarasi yabo ayacagagura ibitsi, n’imikogote yabo arayiturira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ