Nzobashirirah’ urugabano guhēra ku Kiyaga Gitukura gushitsa ku kiyaga c’Abafilisitiya, no guhēra ku bugaragwa gushitsa ku ruzi Efurate; kukw ababa mur’ ico gihugu nzobashira mu maboko yanyu, mubirukane.
Ahantu hose muzokandagiza ibirenge hazoba ahanyu; urugabano rwanyu ruzohēra ku bugaragwa rushike i Lebanoni, ruhēre no kuri rwa ruzi, ari rwo Efurate, rushike ku kiyaga c’i burengerazuba.