Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 8:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Maz’ anesha Abanyamowabu, abarambika hasi mu mirongo, abageresha umugozi: agera imirongo ibiri, iba iyo kwicwa, uwa gatatu wose uba uwo guhangazwa. Nukw Abanyamowabu baca baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 8:2
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Asokorora abantu bāri muri co, abashikiriza imisumeno n’ivyuma vy’ibisaganga n’amacabiti; abakoresha no ku matanure y’amatafari, arabacumukuza. Uko ni ko yagirira ibisagara vyose vy’Abamoni. Nuko Dawidi n’ingabo ziwe zose basubira i Yerusalemu.


Araheza akwiragiza amaboma mu gihugu c’i Siriya gikūkira i Damasiko; nukw Abasiriya baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.


Kandi Salomo yaganza ibihugu vyose vy’abami, uhereye kuri rwa ruzi Efurate, ugashitsa ku gihugu c’Abafilisitiya ukagarukira ku rubibe rwa Egiputa, bakāma bamuzanira amashikanwa, bakamusaba, igihe cose yabaye ku ngoma.


Ahabu amaze gutanga, Abanyamowabu bagarariza Abisirayeli.


Bukeye Shalumaneseri umwami w’i Ashuri aradūga, aramutera; Hoseya yemera kuganzwa na we, akāma amuzanira amarari.


Maz’ anesha i Mowabu, Abanyamowabu baca baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari.


Kand’ Abamoni bazanira Uziya ingorore; nukw izina ryiwe rirāmāmara, rishika n’ahafata muri Egiputa; kuko yagiye arushiriza kugira ububasha.


I Mowabu ni ho cogero canje, Edomu nzohashiburirakw inkweto, I Filisitiya nzohihaya mvuza impundu.


Abanyamahanga barakabiranye, Bava mu binyegero vyabo bahinda agashitsi.


Si wewe uzonshikanayo ga Mana yadutaye? Si wewe uzonshikanayo ga Mana itajana n’ingabo zacu?


I Mowabu ni ho cogero canje, Abanyedomu nzobashiburirakw inkweto, Filisitiya, umvugirize impundu.


Ni bo bo mu mahema ya Edomu n’Abishimayeli; Kandi n’Abanyamowabu n’ Abahagiri;


Ntimwumvire Hezekiya: kuk’ ukw ari k’umwami w’i Ashuri agize, ngo Kunda mwuzure na we, musokoroke muje iy’ ari, umuntu wese ngw abone kurya ku muzabibu wiwe no ku musukoni wiwe, no kunywa ku mazi yo mw ivomo ryiwe,


Ati Ndamubona, ariko s’ubu nyene; Ndamwitegereza, ariko ntari hafi. Inyenyeri izokomōka muri Yakobo, Icumu ry’ubugabe rizosokoroka muri Isirayeli, Ritobekeranye aba Mowabu mu mvuridahita, Rimene umutwe aba Sheti bose.


Arikw abantu b’abagesera bamwe baravuga, bati Mbeg’ uwo muntu yodutabara ate? Baramukēngēra, ntibāruha bamuzanira n’ imishikīro. Arikw apfa kwinumira.


Sauli amaze kuja ku ngoma ngw aganze Abisirayeli, arwanya abansi biwe bose impande zose, Abanyamowabu n’Abamoni n’ Abanyedomu, n’abami b’i Zoba, n’Abafilisitiya; yagenda anesha aho yatumbera hose.


Bukeye Dawidi aja i Misipa h’i Mowabu, asaba umwami w’i Mowabu, ati Ndakwinginze, wemerere data na mama bimukire ino, babe i wawe gushitsa aho nzomenyera ico Imana izongirira.


Nukw abashikiriza umwami w’i Mowabu; baba i we igihe cose Dawidi yamaze mw isenga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ