Kand’ umwami yarungitse Sadoki umuherezi n’ūvugishwa n’ Imana Natani na Benaya mwene Yehoyada, bo n’Abakereti n’Abapeleti, bajana na we bamushize ku nyumbu y’umwami;
Mu mwaka ugira indwi, Yehoyada atuma ku bagabisha bagaba ijana‐ijana bo mu Bakariti no mu bashibamyi, avuga ko baza iy’ ari mu ngoro y’Uhoraho; araheza asezerana na bo isezerano, abākira indahiro aho nyene mu ngoro y’ Uhoraho; maz’ abereka uwo mwana w’umwami.
Kandi na Benaya mwene Yehoyada, umuntu w’umuhizi w’i Kabuseli, na we yari yarakoze ivy’ ubutōre; ni we yishe bene Ariyeli w’i Mowabu; kandi yaramanutse yicira intambge mw isenga, ku musi shelegi yar’ iguye.
nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobangurira ukuboko kwanje ku Bafilisitiya, ndandure n’Abakereti, ngeseze n’amasigarira yo mu kiyaya c’ikiyaga.