Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 8:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti; kandi bene Dawidi bār’ abakuru b’igihugu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 8:18
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw abantu biwe bose bamuca imbere; kand’ Abakereti n’Abapeleti bose, n’Abanyegati bose ukw ar’ amajana atandatu bāri bavuye i Gati bamukurikiye, na bo baca imbere yiwe.


Kandi Yowabu yar’ umugabisha w’ingabo zose z’Abisirayeli; Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti;


Ira w’Umuyayiri na we yar’ umujenama mukuru wa Dawidi.


Nukw ingabo za Yowabu n’ Abakereti n’Abapeleti n’abahizi bose bakurikira Abishayi; bava i Yerusalemu baja guhīga Sheba mwene Bikuri.


Nuko Sadoki umuherezi n’ ūvugishwa n’Imana Natani na Benaya mwene Yehoyada n’Abakereti n’Abapeleti bamanukana Salomo, bamushize ku nyumbu y’ umwami Dawidi, bamujana i Gihoni.


Kand’ umwami yarungitse Sadoki umuherezi n’ūvugishwa n’ Imana Natani na Benaya mwene Yehoyada, bo n’Abakereti n’Abapeleti, bajana na we bamushize ku nyumbu y’umwami;


Ariko Sadoki umuherezi na Benaya mwene Yehoyada na Natani uwavugishwa n’Imana na Shimeyi na Reyi na ba bahizi ba Dawidi, ntibāfatanya na Adoniya.


Nuk’ umwami Salomo arungika Benaya mwene Yehoyada, amutsindaho, arapfa.


Benaya mwene Yehoyada yar’ umugabisha w’ ingabo; Sadoki na Abiyatari ni bo bar’ abaherezi;


Azariya mwene Natani yar’ umukuru w’ abamenyekana; Zabudi mwene Natani nyene yar’ umuherezi kandi yar’ umukunzi w’umwami;


Mu mwaka ugira indwi, Yehoyada atuma ku bagabisha bagaba ijana‐ijana bo mu Bakariti no mu bashibamyi, avuga ko baza iy’ ari mu ngoro y’Uhoraho; araheza asezerana na bo isezerano, abākira indahiro aho nyene mu ngoro y’ Uhoraho; maz’ abereka uwo mwana w’umwami.


Kandi na Benaya mwene Yehoyada, umuntu w’umuhizi w’i Kabuseli, na we yari yarakoze ivy’ ubutōre; ni we yishe bene Ariyeli w’i Mowabu; kandi yaramanutse yicira intambge mw isenga, ku musi shelegi yar’ iguye.


Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti; kandi bene Dawidi bār’ abajenama bakuru b’umwami.


nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobangurira ukuboko kwanje ku Bafilisitiya, ndandure n’Abakereti, ngeseze n’amasigarira yo mu kiyaya c’ikiyaga.


Bazobona ibara, ababa mu biyaya vyo ku kiyaga, ihanga ry’Abakereti! Ijambo ry’Uhoraho rirakujinjibuye, ewe Kanani, wa gihugu c’Abafilisitiya; azoguhonnya, ntihagire n’ umwe asigara akubamwo.


Twari twateye i bumanuko mu Bakeriti, dutera n’i Buyuda, n’i bumanuko mu bga Kalebu, duturira n’i Sikulagi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ