Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 8:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Sadoki mwene Ahitubu na Ahimeleki mwene Abiyatari ni bo bār’ abaherezi; Seraya ni we yar’ umukarani;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 8:17
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi hari haje Abiyatari, na Sadoki na we ni ho yar’ ari, n’Abalewi bose bareruye isandugu y’isezerano ry’Imana; batereka hasi iyo sandugu y’Imana, kugeza ah’ abantu bose barangirije kuva ku murwa.


Maze Hushayi abarira Sadoki na Abiyatari abaherezi, at’ Inama Ahitofeli yagīriye Abusalomu n’ abakuru b’Abisirayeli n’iyi n’iyi; ariko jeho iyo nabagīriye, nababariye ntya na ntya.


Muti Kw ari mwebge musangiye umuryango, mukaba akara kamwe n’amaraso amwe, none n’iki gituma ari mwebge mugiye guherukira abandi kumugarukana?


Ariko jewe umusavyi wawe, na Sadoki umuherezi, na Benaya mwene Yehoyada, n’umusavyi wawe Salomo, tweho ntiyadutumiye.


Maz’ iyo babonye amahera agwiriye mur’ iyo sandugu, umukarani w’umwami n’umuherezi mukuru bāradūga, bagaharūra amahera yabonetse mu ngoro y’Uhoraho, bakayashira mu mipfuko.


Maze bahamagaje umwami, haca haza umuzezwarugo wiwe Eliyakimu mwene Hilukiya, n’umukarani Shebuna, n’umwanditsi w’ivyaja biraba yitwa Yowa mwene Asafu, barenga irembo barabasanganira.


haza na Sadoki, yar’ umusore w’umuhizi, azanana n’abagabisha mirongwibiri na babiri bo mu nzu ya sekuruza.


Abo mu Babenyamini b’i wabo wa Sauli bār’ ibihumbi bitatu; kuko gushitsa ico gihe abenshi muri bo bāri bagiherereye ku nzu ya Sauli.


Maze Dawidi ahamagaza Sadoki na Abiyatari abaherezi, ahamagaza n’abo mu Balewi, Uriyeli na Asaya na Yoweli na Shemaya na Eliyeli na Aminadabu;


Maze Sadoki umuherezi, n’abaherezi bagenzi be, abashira kw ihema ry’Uhoraho riri ku mpinga y’umusozi Gibeyoni,


kugira ngo baze bame bosereza Uhoraho ibimazi ku gicaniro co kuvyoserezako, mu gitondo no ku mugoroba ubudasiba, nk’uko vyari vyaranditswe vyose mu vyagezwe Uhoraho yageze Abisirayeli;


Sadoki mwene Ahitubu na Ahimeleki mwene Abiyatari ni bo bār’ abaherezi; Shavusha ni we yar’ umukarani;


Eleyazari avyara Finehasi, Finehasi avyara Abishuwa;


na Azariya mwene Hilukiya, Hilukiya wa Meshulamu, Meshulamu wa Sadoki, Sadoki wa Merayoti, Merayoti wa Ahitubu, umubgiriza w’ingoro y’Imana;


Hilukiya wa Shalumu, Shalumu wa Sadoki, Sadoki wa Ahitubu,


Nuko Baruki asoma muri ca gitabo amajambo ya Yeremiya ahagaze mu ngoro y’Uhoraho, mu cumba ca Gemariya mwene Shafani umukarani, cari mu kigo ahahera haruguru, mw ishikiro ry’ikirimba gisha kija ku ngoro y’Uhoraho, ayasomera abantu bose.


Arikw abaherezi b’Abalewi, bene Sadoki, bāsigaye bitondera ivyo bājejwe vy’ahēra hanje igihe Abisirayeli bāzimira bakanta, abo bo bazonyegēra kugira ngo bankorere; bazohagarara imbere yanje bampēreza ibinure n’amaraso, ni k’Umwami Uhoraho agize:


Ingene yinjiye mu nzu y’Imana, mu misi ya Abiyatari umuherezi mukuru, akarya imitsima y’ibiterekērwa, ar’ umuziro kuribga, ukūye abaherezi, akayihako n’abāri kumwe na we?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ