Kandi hari haje Abiyatari, na Sadoki na we ni ho yar’ ari, n’Abalewi bose bareruye isandugu y’isezerano ry’Imana; batereka hasi iyo sandugu y’Imana, kugeza ah’ abantu bose barangirije kuva ku murwa.
kugira ngo baze bame bosereza Uhoraho ibimazi ku gicaniro co kuvyoserezako, mu gitondo no ku mugoroba ubudasiba, nk’uko vyari vyaranditswe vyose mu vyagezwe Uhoraho yageze Abisirayeli;
Nuko Baruki asoma muri ca gitabo amajambo ya Yeremiya ahagaze mu ngoro y’Uhoraho, mu cumba ca Gemariya mwene Shafani umukarani, cari mu kigo ahahera haruguru, mw ishikiro ry’ikirimba gisha kija ku ngoro y’Uhoraho, ayasomera abantu bose.
Ingene yinjiye mu nzu y’Imana, mu misi ya Abiyatari umuherezi mukuru, akarya imitsima y’ibiterekērwa, ar’ umuziro kuribga, ukūye abaherezi, akayihako n’abāri kumwe na we?