16 Kandi Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umugabisha w’ingabo, Yehoshafati mwene Ahiludi ni we yar’ umwanditsi w’ivyaja biraba;
Dawidi araheza agabanya ingabo mu mice itatu, umuce umwe awuha Yowabu, uwundi awuha Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, uwundi awuha Itayi Umunyegati. Maz’ umwami abarira ingabo, ati Nanje ubganje turatabarana.
Uti Kandi mumubarize na Amasa, muti Mbega nawe ntimur’ akara kamwe n’amaraso amwe? Mut’ Imana ize ibimuhanire, kandi birushirije, n’atākugira umugabisha w’ingabo ziwe na ntaryo mu gishingo ca Yowabu.
Yowabu umwana wa Seruwiya na we, n’abantu ba Dawidi, baragenda bahūrira na bo ku kidengeri c’i Gibeyoni; nuko baricara, bamwe hakurya y’ ico kidengeri, abandi hakuno.
Nuko Dawidi yaganza Abisirayeli bose, agacira abantu biwe bose imanza ziroranye.
Elihorefu na Ahiya bene Shisha bar’ abakarani; Yehoshafati mwene Ahiludi ni we yar’ umwanditsi w’ ivyaja biraba;
Maze bahamagaje umwami, haca haza umuzezwarugo wiwe Eliyakimu mwene Hilukiya, n’umukarani Shebuna, n’umwanditsi w’ivyaja biraba yitwa Yowa mwene Asafu, barenga irembo barabasanganira.
Hanyuma wa muzezwarugo Eliyakimu mwene Hilukiya, n’umukarani Shebuna, n’ umwanditsi w’ivyaja biraba yitwa Yowa mwene Asafu, baza kuri Hezekiya bitantamuriyekw impuzu zabo, bamudondera amagambo ya Rabushake.
Maze Dawidi aravuga, at’ Ūzotanga abandi kunesha Abayebusi ni we azoba umukuru n’umugabisha. Maze Yowabu umwana wa Seruwiya aradūga, atanga abandi kubashikīra, aca amugira mukuru.