Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 8:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Nuko Dawidi yaganza Abisirayeli bose, agacira abantu biwe bose imanza ziroranye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 8:15
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abusalomu akamubarira, at’ Ereg’ urubanza rwawe rwari rwiza kandi rwari ruboneye; ariko nta muntu umwami yashizeho wo kwumviriza ivyawe.


Kandi Yowabu yar’ umugabisha w’ingabo zose z’Abisirayeli; Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti;


Bukeye Abuneri atuma intumwa kuri Dawidi, muti Nyene kirya gihugu ni nde? Muti N’ usezerane isezerano na we, muti Kand’ azofatanya nawe kukurehereza Abisirayeli bose.


Yamaze imyaka ndwi n’amezi atandatu i Heburoni, aganza Abayuda; i Yerusalemu na ho ahamara imyaka mirongwitatu n’itatu, aganza bose Abisirayeli n’Abayuda.


Nukw ashira amaboma mu gihugu c’Abanyedomu, ayakwiragiza muri Edomu hose. Abanyedomu bose baca baba abatwarwa ba Dawidi. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.


Kandi Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umugabisha w’ingabo, Yehoshafati mwene Ahiludi ni we yar’ umwanditsi w’ivyaja biraba;


Uhoraho Imana yawe ahimbazwe, yagushimye akagushira ku ngoma mu Bisirayeli. Kuk’ Uhoraho yakunze Abisirayeli uhereye kera hose, ni co catumye akwimika, kugira ng’uce izibereye n’iziroranye.


Umwami Salomo yar’ umwami w’Abisirayeli bose.


Nuko Dawidi yaganza Abisirayeli bose, agacira abantu biwe bose imanza ziroranye.


Nakoze ibigororotse n’ibiroranye: Ntundekerane abampahaza.


Azocira abantu bawe iziroranye, N’abagorwa bawe abacire iz’ ukuri.


Igihe nashinze ni cashika, Nzoca imanza ziroranye.


Ukugororoka n’imanza zibereye ni vyo ingoma yawe ihagazeko: Imbabazi n’ukuri ni vyo bikwitangira imbere.


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


Arikw imanza ziroranye, reka zisendanishe nk’amazi, n’ukugororoka gusendanishe nk’ uruzi rudahōka.


bāheshejwe n’ukwizera gutsinda abami, no gukora ibigororotse, no kuronka ivyasezeranywe, no kuziba iminwa y’intambge,


Sauli amaze kuja ku ngoma ngw aganze Abisirayeli, arwanya abansi biwe bose impande zose, Abanyamowabu n’Abamoni n’ Abanyedomu, n’abami b’i Zoba, n’Abafilisitiya; yagenda anesha aho yatumbera hose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ