14 Nukw ashira amaboma mu gihugu c’Abanyedomu, ayakwiragiza muri Edomu hose. Abanyedomu bose baca baba abatwarwa ba Dawidi. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.
Uhoraho aramwishura, at’ Inda yawe irimw’ amahanga abiri, Amoko abiri azokwitandukanya uhereye bakiva mu bura bgawe: Ubgoko bumwe buzorusha ubundi inkomezi, Kandi Bukuru azoshumbira Butoyi.
Amoko az’ agukorere, Amahanga az’ akwikubite imbere: Uz’ uganze abo muvukana, Bene nyoko bakwikubite imbere; Ūzokuvuma wese avumwe, Ūzoguhezagira wese ahezagirwe.
Nuko Dawidi arushiriza kuba agahambaye, kuk’ Uhoraho Imana Nyen’ ingabo yari kumwe na we.
uti Kandi yagendana nawe aho waja hose, ut’ Arandura abansi bawe bose imbere yawe; uti Kand’ azoguha izina rya rurangiranwa, nk’ukw abandi bahambaye bo mw isi bayafise.
Nuko Dawidi yaganza Abisirayeli bose, agacira abantu biwe bose imanza ziroranye.
Araheza akwiragiza amaboma mu gihugu c’i Siriya gikūkira i Damasiko; nukw Abasiriya baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.
Igihe Dawidi yatera Edomu, Yowabu umugabisha w’ingabo ziwe yadūze guhambisha abāguye mu ntambara, araheza ageseza izinamuhungu wese wo muri Edomu;
Kandi mur’ ico gihe nta mwami yariho mu gihugu ca Edomu: hāganza uwar’ agihagarikiye.
Yehoshafati abāzisha amato y’i Tarushishi yo kwama aja i Ofiru kuzana amazahabu; ariko ntiyashikayo, kuko yamenagurikiye i Eziyoni‐geberi.
Kandi yishe mu Banyedomu abantu ibihumbi cumi, abatsinze mu Kiyaya c’Umunyu; atera n’i Sela, arahatsinda, ahahindura izina ahita i Yokiteli na bugingo n’ubu.
Kand’ Uhoraho yabana na we, akagira ukuboko kwiza aho yaja hose. Bukeye agarariza umwami w’i Ashuri, ntiyaba akimusaba.
Nukw akwiragiza amaboma muri Edomu, Abanyedomu bose baca baba abatwarwa ba Dawidi. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.
Mana, uradutaye, uradusambuye: Wararatse; n’udusubizemw’ intege.