Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 8:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Na vyo nyene umwami Dawidi abirobanurira Uhoraho, hamwe n’amafeza n’ amazahabu yari yaramurobanuriye, ayasahuye mu mahanga yari yaranesheje,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 8:11
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

atuma umuhungu wiwe Yoramu ku mwami Dawidi kumuramutsa no kumushima, ko yarwanye na Hadadezeri akamunesha; kuko Hadadezeri yahora arwanya Toyu. Kandi Yoramu yar’ azanye ibintu vy’amafeza n’ivy’ amazahabu n’ ivy’ imiringa.


Uko ni kw igikorwa cose umwami Salomo yakoreye ingoro y’Uhoraho carangiye. Maze yinjiza ivyo se Dawidi yari yaragize inyegu y’Uhoraho vyose, amafeza n’amazahabu, n’ibintu vy’ibikoreshwa, abishira mu bubīko bg’ ingoro y’Uhoraho.


Na vyo nyene umwami Dawidi avyegurira Uhoraho, hamwe n’amafeza n’amazahabu, ayo yagiye asahura mu mahanga yose, mu Banyedomu no mu Banyamowabu no mu Bamoni no mu Bafilisitiya no mu Bamaleki.


Jewe niteguye ivy’ iyo ngoro y’Imana yanje uko nshoboye kwose; narondeye amazahabu yo gukoramw’ ibintu vy’amazahabu nyene, n’amafeza y’ivy’ amafeza nyene, n’imiringa y’ivy’ imiringa, n’ivyuma vy’ibintu vy’ivyuma, n’ibiti vyo gukūramw’ ibintu vy’ibibāzano; niteguye n’utubuyenge twitwa shohamu, n’utundi tubuyenge two kuzorumikwa mw izahabu, n’utundi twitwa puku, n’utundi tujererenze amabara, mbere utubuyenge tw’uburyo bgose tw’igiciro kinini; niteguye n’amabuye yitwa marimari atagira akagero.


Uko ni kw igikorwa cose Salomo yakoreye ingoro y’Uhoraho carangiye. Maze yinjiza ivyo se Dawidi yari yaragize inyegu y’ Uhoraho, amafeza n’amazahabu, n’ibintu vy’ibikoreshwa, abishira mu bubīko bg’ingoro y’Imana.


Va hasi uhūre, ewe mukobga w’i Siyoni! Kukw ihembe ryawe nzorihindura icuma, n’inzāra zo ku binono vyawe nzozihindura imiringa; kand’ uzojonjanga amahanga menshi; iminyago wabanyaze uzoyigira inyegu y’Uhoraho, n’ibintu vyabo ubigire inyegu ya Nyen’ isi yose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ