Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 8:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hanyuma y’ivyo Dawidi anesha Abafilisitiya, abamara igabo, atsinda igisagara cabo gikuru, arakibanyaga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 8:1
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abantu bose bo mu miryango yose y’Abisirayeli baritonganya, bat’ Umwami ni we yahora aturokora, adukūra mu maboko y’abansi bacu, no mu y’Abafilisitiya; none rero yarahunze Abusalomu, ava mu gihugu.


Ariko Yowabu na Abishayi bakurikira Abuneri; izuba rirenga bafashe ku musozi Ama, urābana n’i Giya ku nzira ija mu bugaragwa bg’i Gibeyoni.


Wankijije indwano z’abantu banje, Waranzigamye ngo nganze amahanga; Ihanga ntigeze kumenya ryaransavye.


Maz’ Abafilisitiya bumvise ko Dawidi yimikishijwe amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli, Abafilisitiya bose baradūga baja kumuhīga. Dawidi avyumvise aramanuka aja mw isenga.


Nuko Dawidi abigenza artyo, nk’uk’ Uhoraho yamubariye; akinagiza Abafilisitiya uhereye i Geba ugashitsa i Gezeri.


uti Kandi yagendana nawe aho waja hose, ut’ Arandura abansi bawe bose imbere yawe; uti Kand’ azoguha izina rya rurangiranwa, nk’ukw abandi bahambaye bo mw isi bayafise.


Wankijije indwano z’abantu, Wangize ūganza amahanga, Ihanga ntigeze kumenya ryaransavye.


Watumye igihugu gihinda agashitsi, uragisatagura: Zibira ubunyenyagu bgaco, kuko kinyiganyiga.


I Mowabu ni ho cogero canje, Abanyedomu nzobashiburirakw inkweto, Filisitiya, umvugirize impundu.


bāheshejwe n’ukwizera gutsinda abami, no gukora ibigororotse, no kuronka ivyasezeranywe, no kuziba iminwa y’intambge,


no kuzimya ubukare bg’umuriro, no gukira ubugi bg’inkota, no guhindurwa mu ntege nke ngo zicike inkomezi, no kuba agahebuza mu ntambara, no kunesha ingabo z’abanyamahanga.


Uko ni kw Abafilisitiya bātsinzwe, ntibasubira kurenga urubibe rw’Abisirayeli; mbere mu gihe ca Samweli cose ukuboko kw’Uhoraho kwama gushikamiye Abafilisitiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ