Aya ni yo majambo ya Dawidi aheruka: At’ Uku ni ko Dawidi mwene Isayi avuga, Ni k’uwashizwe hejuru avuga, Uwo Imana ya Yakobo yimikishije amavuta, Umuririmvyi w’umuhinga w’ Abisirayeli;
Ni we akūra umugorwa mu mukungugu, Agashira hejuru umukene, amukūye mu mwavu, Kugira ngw abicarikane n’ abahambaye, Baragwe intebe z’icubahiro: Kukw inkingi z’isi ar’ iz’ Uhoraho, Kandi ni zo yayiteretseko.