Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 7:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 uti Kandi yagendana nawe aho waja hose, ut’ Arandura abansi bawe bose imbere yawe; uti Kand’ azoguha izina rya rurangiranwa, nk’ukw abandi bahambaye bo mw isi bayafise.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 7:9
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nanje nzoguhindura ubgoko bukomeye, nzoguha umugisha, izina ryawe ndarigire rurangiranwa; n’abandi baze bagire umugisha kubgawe.


Dawidi yabariye Uhoraho amajambo yo mur’ iyi ndirimbo, umusi Uhoraho yamurokoye, akamukūra mu maboko y’ abansi biwe bose, no mu ya Sauli.


Kukw ari wewe unshoboza gutera umuce w’ingabo, Kand’ ar’ Imana yanje inshoboza gusimba uruzitiro rw’ amabuye.


Maze ndabasya, bacika nk’ umukungugu wo kw isi, Ndabasiribanga nk’umwavu wo ku nzira, ndabashwiragiza.


Aya ni yo majambo ya Dawidi aheruka: At’ Uku ni ko Dawidi mwene Isayi avuga, Ni k’uwashizwe hejuru avuga, Uwo Imana ya Yakobo yimikishije amavuta, Umuririmvyi w’umuhinga w’ Abisirayeli;


Nuko Dawidi arushiriza kuba agahambaye, kuk’ Uhoraho Imana Nyen’ ingabo yari kumwe na we.


Nuko Dawidi yironkera izina rya rurangiranwa. Maz’ atabarutse avuye kunesha Abasiriya, atsinda Abanyedomu ibihumbi cumi n’umunani mu Kiyaya c’ Umunyu.


Nukw ashira amaboma mu gihugu c’Abanyedomu, ayakwiragiza muri Edomu hose. Abanyedomu bose baca baba abatwarwa ba Dawidi. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.


Araheza akwiragiza amaboma mu gihugu c’i Siriya gikūkira i Damasiko; nukw Abasiriya baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.


uti Kandi yagendana nawe aho waja hose, ut’ Arandura abansi bawe bose imbere yawe; uti Kand’ azoguha izina, nk’ukw abandi bahambaye bo mw isi bayafise.


Umugize icitegererezo c’ihirwe ibihe vyose, Umunejereje akaneza mu nyonga zawe.


Nanje nzojanjagurira abarwanizi biwe imbere yiwe, Ntsinde hasi abamwanka.


Yirukanye abaganza ku ntebe zabo, Yashize hejuru abafafara.


Nuk’ Uhoraho yabana na Yosuwa; aba rurangiranwa mur’ ico gihugu cose.


Kandi Dawidi yagira ikiganza ciza mu vyo yakora vyose, kand’ Uhoraho yari kumwe na we.


Bukeye abaganwa b’Abafilisitiya baza gutera; kand’ uko bātera kwose, Dawidi yagira ibakwe kurusha abandi bantu bose ba Sauli, bituma izina ryiwe riba rurangiranwa.


Ni we akūra umugorwa mu mukungugu, Agashira hejuru umukene, amukūye mu mwavu, Kugira ngw abicarikane n’ abahambaye, Baragwe intebe z’icubahiro: Kukw inkingi z’isi ar’ iz’ Uhoraho, Kandi ni zo yayiteretseko.


Uko ni ko Sauli yapfuye, n’abahungu biwe batatu, n’uwamutwaza ibirwanishwa, bo n’ingabo ziwe zose, bapfa kur’ uwo musi nyene.


Nukw iyo sandugu y’Imana bayirungika i Ekuroni. Igiserukayo, Abanyekuroni bavuza induru, bati Batuzaniye ya sandugu y’Imana y’Abisirayeli ngw itumarane n’ abacu!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ