Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 7:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Uti Mbeg’ ahantu hose yagiye agendana n’Abisirayeli bose, uti Har’ aho yigeze kubarira umucamanza w’Abisirayeli uw’ ari we wese, uwo yashizeho kuragira abantu biwe, akamubaza, ati N’iki cababujije kumwubakira inzu y’amasederi?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 7:7
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi mu bihe vya kera, hamwe Sauli yar’ umwami wacu, ni wewe wajana Abisirayeli gutabara, mugatabarukana. Kand’ Uhoraho yarakubgiye kw ari wewe uzoragira abantu biwe b’ Abisirayeli, kandi k’uzoba segaba wabo.


Kandi mu bihe vya kera, hamwe Sauli yar’ umwami, ni wewe wajana Abisirayeli gutabara, mugatabarukana. Kand’ Uhoraho Imana yawe yarakubgiye kw ari wewe uzoragira abantu biwe b’Abisirayeli, kandi k’uzoba segaba wabo.


Uti Mbeg’ ahantu hose yagiye agendana n’Abisirayeli bose, uti Har’ aho yigeze kubarira umucamanza w’Abisirayeli uw’ ari we wese, uwo yashizeho kuragira abantu biwe, akamubaza, ati N’iki cababujije kumwubakira inzu y’amasederi?


Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’ izonsa azoziyobora buhoro‐buhoro.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ijuru ni ryo ntebe yanje y’ubgami, isi na yo n’indava y’ ibirenge vyanje: muzonyubakira inzu ki, kandi n’ahantu ki hombera uburuhukiro?


Kandi nzoshira abungere kuri zo, baziragire: ntizizoba zikigira ubgoba ukundi, canke ngo zihagarike imitima, kandi ntihazotākara n’imwe muri zo, ni jewe Uhoraho mbivuze.


mbahe abungere bameze nk’uk’ umutima wanje ugomba, bazobaragirana ubgenge no gutahura.


Ni jewe ubganje nzokwiragirira intama zanje, ndazivyagize, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


riti Mwana w’umuntu, būrira abungere baragira Abisirayeli, ubabūrire, ubgire abo bungere, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Bazobona ibara, abungere b’Abisirayeli bīragira ubgabo! Mbeg’ abungere ntibāri bakwiye kuragira intama?


Nzoziha umwungere umwe, na we azoziragira, ni we musavyi wanje Dawidi; azoziragira, abe umwungere wazo.


Azohagarara, aragire umukuku wiwe mu nkomezi z’Uhoraho, no mu cubahiro c’ izina ry’Uhoraho Imana yiwe: kandi bazokwībērah’ umugaramango; kukw ico gihe ubukuru bgiwe buzoshika ku mpera z’isi.


ngo Kandi wewe, Betelehemu mu ntāra ya Yuda, Nturi mutoya mu baganwa ba Yuda, Kuko kuri wewe hazova ūganza, Ni we azoragira abantu banje b’Abisirayeli.


Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.


baratabaza, bati Bagabo b’Abisirayeli, mudutabare! Nguyu wa muntu yigisha hose abantu bose, akēngereza ubu bgoko n’ivyagezwe n’aha hantu: ikigeretseko yazanye n’Abagiriki mu rusengero, yahumanije aha hantu hēra.


kuk’ Uhoraho Imana yanyu agendagenda hagati y’aho mushagaje, kugira ngw abakize, agabure abansi banyu mu maboko yanyu; ni co gituma aho mushagaje hakwiye kuba ahantu hera, kugira ngo ntaz’ ababonemw’ ikintu na kimwe giteye ishishi, akarora irya, akabata.


Abashingantahe b’ishengero bo muri mwebge ndabahanūra, kuko nanje nd’ umushingantahe mugenzi wanyu, kandi nd’ icabona c’imibabaro Kristo yababajwe, kandi mfatanije namwe ubgiza buzohishurwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ