6 Ut’ Erega ntiyigeze kuba mu nzu uhereye igihe yadūganiye Abisirayeli abakūye muri Egiputa gushitsa n’ubu. Uti Yahora aba mw ihema nk’ urusago.
Uriya yishura Dawidi, at’ Isandugu y’Imana n’Abisirayeli n’Abayuda ko barāra mu nsago, kandi databuja Yowabu n’ abantu bawe, mugenzi, bakaba bashagaje mu gahinga; none jewe ngende i wanje, nīrīre, nīnywere, ndārane n’umugore wanje? Ndakurahiye, eka ni wewe ndahiro nyene, sinorikora!
yuk’ uhereye igihe yakūriye abantu biwe b’Abisirayeli muri Egiputa, ata gisagara co mu miryango yose y’Abisirayeli yigeze gutoranya co kwubakamw’ ingoro ngw izina ryiwe rihabe; ariko yatoranije Dawidi kugira ngw aganze abantu biwe b’Abisirayeli.
Ba sogokuruza bāri bafise ihema ry’Ibishinga intahe, hamwe bāri mu bugaragwa, nk’ukw iyavuganye na Mose yabigeze, yamubgiye kurigereranya n’ikigereranyo yabonye.
Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.
kuk’ Uhoraho Imana yanyu agendagenda hagati y’aho mushagaje, kugira ngw abakize, agabure abansi banyu mu maboko yanyu; ni co gituma aho mushagaje hakwiye kuba ahantu hera, kugira ngo ntaz’ ababonemw’ ikintu na kimwe giteye ishishi, akarora irya, akabata.
Maz’ ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bakoranira i Shilo, bahashinga ihema ry’ibonaniro; kand’ igihugu cari kimaze gukōndōka.
Andikira umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso, ut’ Ūfashe inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo, akagendera hagati y’ibiterekwakw amatara indwi vy’izahabu, aravuga ibi,
Maz’ Abisirayeli basiguza Uhoraho, (kukw ico gihe isandugu y’isezerano ry’Imana ari ho yar’ iri;