Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 7:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 kuk’ umpishuriye, jewe umusavyi wawe, k’uzonyubakira inzu, ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, Mana y’ Abisirayeli; ni co gitumye umusavyi wawe ntinyuka kugusenga ntya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 7:27
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

nko mu bihe yaha abacamanza kuganza abantu biwe b’Abisirayeli; uti Kand’ azoguha impore hagati y’abansi bawe bose. Uti Mber’ Uhoraho arakubariye yukw azokugira igisata.


Ut’ Uwo ni we azomwubakira ingoro, ibe iy’ izina ryiwe, uti Kand’ azokomeza intebe yiwe y’ubgami gushitsa ibihe vyose.


Ngo None rero, ni wumvira ivyo azokubarira vyose, ng’ Ukagendera mu nzira ziwe, ng’ Ugakora ivyo abona ko bibereye, ng’ Ukitondera amabgirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe, ngo Nk’uko Dawidi umusavyi wiwe yagenza, ngo Nukw azobana nawe, ngw Agushingire inzu itazovaho, nk’iyo yashingiye Dawidi, ngo Kand’ azoguha Abisirayeli.


Uhoraho, wumvise ivyo abaciye bugufi bagomba: Uzokomeza imitima yabo, uzohora ubanze ugutwi,


Ibimazi n’amashikanwa y’ifu ntivyaguhimbaye; Amatwi yanje urayazibūye: Ibimazi vyoshejwe n’ibimazi vy’ivyaha ntiwabigomvye.


Kandi kukw abo bākirizi bubashe Imana, ibaha uruvyaro.


nagomvye kubikumenyesha, no kukubgira kurigurira imbere y’aba bicaye hano, n’imbere y’ abashingantahe b’i wacu. Ni wagomba kuritora, uritore, n’utabigomba mbarira, mbimenye: kukw ata wundi yoritora atari wewe, canke jewe ngukurikiye. Aramwishura, ati Ndaritora.


Maze ngw Azokwihagurukiriza umuherezi w’umwizigirwa, umuntu azokora nk’ivyari mu mutima wiwe no mu vyiyumviro vyiwe; ngo Kand’ azomwubakira inzu izokwamaho; na we azogendanira uwo yimikishije amavuta ibihe vyose.


Kand’ umusi Sauli ashikayo, Uhoraho yari yarāye abihishuriye Samweli,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ