Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 7:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Nuko none, Uhoraho Mana, ijambo uvuze kuri jewe umusavyi wawe no ku nzu yanje urikomeze ibihe vyose, kand’ ushitse ivy’ uvuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 7:25
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ ari wewe wambariye, uti Sinzobura kukugirira neza, uti Nzohindura uruvyaro rwawe, rungane n’umusenyi wo ku kiyaga, w’isinzi utōharūrika.


Ni wewe wahaye abantu bawe b’Abisirayeli gutsindaza, ngo baze bahore ar’ abawe ibihe vyose; kandi nawe, Uhoraho, wababereye Imana.


Maz’ izina ryawe baze barishemagize ibihe bidashira, bat’ Uhoraho Nyen’ ingabo ni yo Mana y’Abisirayeli; kandi n’inzu yanje, jewe umusavyi wawe Dawidi, izokwama itsindaje imbere yawe;


ng’ Uhoraho az’ ashitse ijambo yamvuzeko, kw abana banje ni bitonda mu ngeso zabo, bakagendera imbere yiwe mu vy’ukuri, uhereye mu vyiyumviro vyabo no mu mitima yabo, yavuze ngo ntihazobura mu banje uwo kuja ku ngoma y’Abisirayeli.


None rero, Mana y’Abisirayeli, ndakwinginze, ijambo ryawe wabariye data umusavyi wawe Dawidi urishitse.


None rero, Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, ijambo ryawe wabariye umusavyi wawe Dawidi urishitse.


Ushimangirire umusavyi wawe ijambo ryawe Ryasezeraniwe abakwubaha.


Wibuke ijambo wasezeraniye umusavyi wawe, Kuko wanyijigije.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ab’ inzu ya Isirayeli bazosubira kunsigūza ivyo, kugira ngo mbibakorere: nzobagwiriza abantu nk’umukuku.


Maze Elukana umugabo wiwe aramwishura, ati N’ukore ico ushimye: wigumire aho gushitsa ah’uzomucūkiriza; arik’ Uhoraho n’ashitse ijambo ryiwe. Nuk’ uwo mugore yigumira ngaho, yonsa umwana wiwe, gushitsa aho yamucūkirije.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ