2 Samweli 7:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)24 Ni wewe wahaye abantu bawe b’Abisirayeli gutsindaza, ngo baze bahore ar’ abawe ibihe vyose; kandi nawe, Uhoraho, wababereye Imana. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Har’ irindi hanga na rimwe mw isi rihwanye n’abantu bawe b’Abisirayeli, abo wewe Mana wisidukiye ugacungura, ukabagira abawe, kugira ngo wironkere izina rya rurangiranwa, ugakora ibikomeye kubgabo, n’ ibiteye ubgoba kubg’ igihugu cawe, ukirukana amahanga n’ imana zayo imbere y’abantu bawe, abo wacunguye ukabakūra muri Egiputa?