Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 7:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Ni wewe wahaye abantu bawe b’Abisirayeli gutsindaza, ngo baze bahore ar’ abawe ibihe vyose; kandi nawe, Uhoraho, wababereye Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 7:24
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi nshinze isezerano ryanje ngusezeraniye, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana, ribe isezerano ridashira, kugira ngo nkubere Imana, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma.


Kandi wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, nzobaha iki gihugu wabayemw’ ur’ inyambukīra, ni co gihugu cose c’i Kanani, kuba ishamvu y’ibihe vyose: na bo nzoba Imana yabo.


Har’ irindi hanga na rimwe mw isi rihwanye n’abantu bawe b’Abisirayeli, abo wewe Mana wisidukiye ugacungura, ukabagira abawe, kugira ngo wironkere izina rya rurangiranwa, ugakora ibikomeye kubgabo, n’ ibiteye ubgoba kubg’ igihugu cawe, ukirukana amahanga n’ imana zayo imbere y’abantu bawe, abo wacunguye ukabakūra muri Egiputa?


Nuko none, Uhoraho Mana, ijambo uvuze kuri jewe umusavyi wawe no ku nzu yanje urikomeze ibihe vyose, kand’ ushitse ivy’ uvuze.


Kukw abantu bawe b’Abisirayeli wabagize abantu bawe wiharije ibihe vyose; kandi nawe, Uhoraho, wababereye Imana.


Kukw iyi Mana ar’ Imana yacu ibihe bitazoshira, Ni yo izoturōngōra gushitsa ku rupfu.


Uhoraho n’inkomezi zanje n’indirimbo yanje, Ampindukiye agakiza. Uwo ni we Mana yanje, nanje ndamuhimbaza; Ni yo Mana ya data, nanje ndayishira hejuru.


kandi nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu; ni ho muzomenya ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ibakūye ku bikebere Abanyegiputa babakebera.


Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.


Ico gihe, ni k’Uhoraho agize, nzoba Imana y’imiryango yose y’Abisirayeli, na bo bazoba abantu banje.


Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.


kandi bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo.


Yamar’ amaherezo, igitigiri c’Abisirayeli kizongana nk’umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharūrika. Kand’ ahantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, ni ho nyene bazobgirirwa, ngo Mur’ abana b’Imana nzima.


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


Arikw abāmwākiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe,


Kand’ Uhoraho na we uyu musi yātuye ko muzomubera ihanga yiharije, nk’uko yabasezeraniye; nuko mukwiye kwitondera ivyagezwe vyiwe vyose,


Maze Mose n’abaherezi ari bo Balewi babarira Abisirayeli bose, bati Yemwe Bisirayeli, ni muhore, mwumve: uyu musi muhindutse ihanga ry’Uhoraho Imana yanyu.


Mbeg’ iyo ni yo ngero mushubije Uhoraho, Mwa bantu b’ibipfu b’imburabgenge? Si we Muvyeyi wanyu yabaremye, Akababumba, akabakomeza?


kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho mur’ abantu b’Imana; kera ntimwaribgagirirwe imbabazi, ariko noneho mwarazigiriwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ