Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 7:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Har’ irindi hanga na rimwe mw isi rihwanye n’abantu bawe b’Abisirayeli, abo wewe Mana wisidukiye ugacungura, ukabagira abawe, kugira ngo wironkere izina rya rurangiranwa, ugakora ibikomeye kubgabo, n’ ibiteye ubgoba kubg’ igihugu cawe, ukirukana amahanga n’ imana zayo imbere y’abantu bawe, abo wacunguye ukabakūra muri Egiputa?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 7:23
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni wewe wahaye abantu bawe b’Abisirayeli gutsindaza, ngo baze bahore ar’ abawe ibihe vyose; kandi nawe, Uhoraho, wababereye Imana.


Har’ irindi hanga na rimwe mw isi rihwanye n’abantu bawe b’Abisirayeli, abo wewe, Mana, wisidukiye ugacungura, ukabagira abawe, kugira ngo wironkere izina rya rurangiranwa, ugakora ibikomeye n’ibiteye ubgoba, ukirukana amahanga imbere y’abantu bawe, abo wacunguye ukabakūra muri Egiputa?


None rero, abo ni bo basavyi bawe, kandi n’abantu bawe wacunguje ububasha bgawe bginshi bo n’ukuboko kwawe kw’ inkomezi.


Yakoreye ibitangaza mu gihugu ca Hamu, N’ibiteye ubgoba ku Kiyaga Gitukura.


Yarungikiye abantu biwe ugucungurwa, Yageze isezerano ryiwe kuba iry’ ibihe bidashira; Izina ryiwe n’iryera kandi n’iry’ igitinyiro.


Abantu bazovuga inkomezi z’ ibikorwa vyawe biteye ubgoba: Nanje nzomenyekanisha ubukuru bgawe.


Nta rindi hanga yagiriye artyo: Mbere n’imanza ziwe ntibāzimenye. Haleluya!


Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, Bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; Nta wogereranywa nawe. Nogomba kubidonda no kubivuga Birenze uko vyoharūrwa.


Kukw atar’ iyabo nkota yabahaye kwegukira igihugu, Kand’ atar’ ukwabo kuboko kwabakijije: Ariko n’ikiganza cawe c’i buryo n’ukuboko kwawe n’ umuco wo mu nyonga hawe, Kuko wabakunze.


Uzotwishurisha ibiteye ubgoba kubg’ ukugororoka, Mana y’agakiza kacu: Ni wewe vyizigiro vy’abo ku mpera zose z’isi, N’ivy’ abari kure ku kiyaga.


Mubgire Imana, mut’ Ereg’ ibikorwa vyawe biteye ubgoba! Ubushobozi bgawe bginshi buzotuma abansi bawe bose bakwunamira baguhema.


Kuko mur’ iryo joro nyene nzoca mu gihugu ca Egiputa, nkica abana bose b’ imfura bo mu gihugu ca Egiputa, uhereye ku muntu no ku gitunzwe; kand’ imana z’Abanyegiputa zose, amatēka nziciriyeko zose nzoyashitsa: nd’ Uhoraho.


None n’iki comenyekanisha yuko nagiriwe ubuntu imbere yawe, twe n’iryo hanga? Mbega s’uko wojana natwe, bigatuma twe n’ihanga ryawe dutandukanywa n’amahanga yose ashagaje kw isi?


kandi nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu; ni ho muzomenya ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ibakūye ku bikebere Abanyegiputa babakebera.


Ut’ Ereg’ ubu aba abanguye ukuboko kwiwe, akakurekurirakw ikīza, mwe n’ abantu bawe, ukarandurwa mw isi:


ut’ Ariko, icatumye aba arakuretse, n’ukugira ngo akwereke ubushobozi bgiwe, kandi ngw izina ryiwe ryāmāmare mw isi yose.


Ni wewe washizeh’ ibimenyetso n’ ibitangaza mu gihugu ca Egiputa, gushitsa no kur’ uyu musi, mu Bisirayeli no mu bandi bantu, ukīronkera izina rya rurangiranwa, nk’uko rimeze n’uyu musi;


ugakūza abantu bawe b’Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa ibimenyetso n’ibitangaza, n’ukuboko gukomeye kandi kurāmvuye, n’ibiteye ubgoba bginshi;


Ariko narwaniye izina ryanje, ngo ntirikēngēreke mu maso y’amahanga barimwo, ari yo nyene ubgayo nabiyerekeye imbere, igihe nabakūra mu gihugu ca Egiputa.


Ukw abe ari ko bashira izina ryanje ku Bisirayeli; nanje nzobaha umugisha.


kugira ng’ubgiza bg’ubuntu bgayo bushimwe, ubgo yatugabiriye mu wo ikunda.


Ni we shimwe ryanyu, ni we Mana yanyu, yabakoreye vya bihambaye biteye ubgoba, ivyo amaso yanyu yiboneye.


Kand’ uze wibuke yuko nawe wari mu buja mu gihugu ca Egiputa, Uhoraho Imana yawe akakugobōtora: ni co gitumye uyu musi ndakugera ivyo.


Yemwe Bisirayeli, murahiriwe! N’ihanga ki rihwanye namwe kuba ihanga ryarokowe n’Uhoraho, Ari we nkinzo ibakingira, ikabakiza, Ari we nkota ibubahiriza? Abansi banyu bazoza babakomere ibōbo, Namwe muzosiribanga ibitabo vyabo batavye ku mpinga z’imisozi.


Nsaba Uhoraho, nti Mwami Uhoraho, nturandure abantu bawe, ari bo cibare cawe, abo warokoje ububasha bgawe, ukabakūza muri Egiputa ukuboko kw’inkomezi kandi kuramvuye.


yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.


Kukw Abanyakanani n’abari mu gihugu bose bazovyumva, bāze batuzingazinge, bazimirize izina ryacu mw isi: non’ izina ryawe rikomeye uzorirwanira ngw iki?


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ