22 Ni co gituma ur’ ūhambaye, Uhoraho Mana, kukw ata wuhwanye nawe, kand’ ata yindi Mana iriho twigeze kwumva atari wewe.
Ni nde Mana, atar’ Uhoraho? Ni nde Gitandara, atar’ Imana yacu?
aravuga, at’ Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, nta mana ihwanye nawe, uhereye hejuru mw ijuru no hasi kw isi; ni wewe wama ushitsa amasezerano, ukagirira imbabazi abasavyi bawe bagendera imbere yawe bitonze n’imitima yabo yose;
Kuk’ Uhoraho ahambaye, abereye gushimwa cane: N’uw’ igitinyiro kuruta ibigirwamana vyose.
Uti Kand’ iyo ngoro agomba kwubaka ni nini; uti Kukw Imana yabo ar’ agakomeye, isumba izindi mana zose.
Kuko nzi yuk’ Uhoraho ahambaye, Kandi yuk’ Umwami wacu asumba ibigirwamana vyose.
Uhoraho arahambaye, abereye gushimwa cane: Ubukuru bgiwe ntibushobora guserangurika.
Mana, twariyumviye n’amatwi yacu, ba sogokuruza bacu batubariye Ibikorwa wakoze mu gihe cabo, mu gihe ca kera.
Uhoraho arahambaye, abereye gushimirwa cane Ku murwa w’Imana yacu, ku musozi wayo wera.
Kuk’ uhambaye, kand’ ukora ibitangaza: Ni wewe Mana wenyene.
Nta gihwanye nawe mu bigirwamana, Mwami; Kandi nta bikorwa biriho bihwanye n’ivyawe.
Ni nde wo mw ijuru yogereranywa n’Uhoraho? Ni nde wo mu bana b’Imana ahwanye n’Uhoraho?
Uhoraho Mana Nyen’ ingabo, Ni nde munyenkomezi ahwanye nawe, Uhoraho? Kuba umwizigirwa kwawe kuragukikije.
no kugira ngo nawe uz’ udondere umwana wawe n’umwuzukuru wawe ukuntu namāramāje Abanyegiputa, n’ibimenyetso vyanje nakoreye hagati muri bo; mumenye yuko nd’ Uhoraho.
Uhoraho, mu vyitwa imana n’iyihe ihwanye nawe? N’iyihe ihwanye nawe, wewe w’icubahiro kivuye mu kwera, Wewe uteye ubgoba kubg’ ibihambaye ukora, wewe ukora ibitangaza?
Aramwishura, ati Hoba ejo. Na we aramubarira, ati Bizoba uk’ uvuze, kugira ng’ umenye yukw ata wuhwanye n’Uhoraho Imana yacu.
Aroni aramvura ukuboko kwiwe hejuru y’amazi ya Egiputa; ibikere biradūga, bizimanganya igihugu ca Egiputa.
Ut’ Ubu rero, agira agomore ivyago vyiwe vyose bitere umutima wawe, n’abanyarugo bawe, n’abantu bawe, kugira ng’ umenye yukw ata wuhwanye na we mw isi yose.
None rer’ Imana mwoyigereranya na nde, canke mwoyishushanya n’ishusho ki?
None rero mwongereranya na nde twongana? ni k’Uwera abajije.
Uku ni k’Uhoraho agize, uwaremye amajuru, ni we Mana; uwabumvye isi akayirema; yarayikomeje, ntiyayiremye ngw ibek’ ubusa gusa, ariko yayibumvye kugira ngw ibekw abantu: ati Ni jewe Uhoraho, kandi nta wundi.
Ni muntumbere mukizwe, mwa mpera zose z’isi: kukw ari jewe Mana, ata yindi.
Ni jewe Uhoraho, nta wundi; atari jewe nta yindi Mana iriho. Nzogukenyeza nah’ utigeze kummenya,
Nuko rero, barira ab’ inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, at’ Ibi simbikora kubganyu, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli, ariko ni kubg’ izina ryanje ryera, iryo mwatukishije mu mahanga mwagiyemwo.
Ivyo simbikora kubganyu, mubimenye, ni k’Umwami Uhoraho agize; mutēterezwe, mumāramāzwe n’ ingeso zanyu, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli.
Uko wabonye ibuye ryasituwe ku musozi ata maboko arisituye, rikamenagura ivyuma n’imiringa n’ibumba n’ifeza n’izahabu, nuko mugenzi, Imana ihambaye yakumenyesheje ibizoba mu gihe kizoza; kand’ izo nzozi n’iz’ ukuri, insobanuro yazo ntizohinduka.
N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.
nt’ Uhoraho Bgirukiro, jewe umusavyi wawe utanguye kunyereka ububasha bgawe n’ubushobozi bgawe buhambaye. Nti Mbega har’ iyindi mana, yaba iyo mw ijuru canke mw isi, yoshobora gukora ibikorwa n’ibihambaye bihwanye n’ivyo ukora?
Nuko rero mumenye yuko jewe, jewe ubganje, ari jewe Mana, Kandi kw ata yindi mana ibangikanye nanje: Ni jewe ntuma umuntu apfa, ni jewe ntuma umuntu abaho; Ni jewe nkomeretsa, ngakiza; Kandi nta woshobora kugira ico arokora mu kuboko kwanje.
Ni mwebge mweretswe ivyo kugira ngo mumenye yuk’ Uhoraho ari we Mana, ata yindi iriho atari we.
Nuk’ uyu musi mubimenye, mubishirekw imitima, yuk’ Uhoraho ari we Mana mw ijuru no mw isi, ata yindi.
Nta wera nk’Uhoraho, Kukw ata yindi mana, atari we: Kandi nta gitandara kimeze nk’Imana yacu.