Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 7:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Ivyo vyose bikomeye wabikoze kubg’ ijambo ryawe, nk’uko wavyigombeye mu mutima wawe, kugira ng’ ubimmenyeshe, jewe umusavyi wawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 7:21
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ewe Uhoraho, ivyo vyose bikomeye wabikoze kubganje jewe umusavyi wawe, nk’uko wavyigombeye mu mutima wawe, kugira ng’ umenyekanishe ivyo bikomeye vyose.


Ntabe ari twebge, Uhoraho, ntabe ari twebge, Arikw izina ryawe abe ari ryo uha icubahiro, Kubg’ imbabazi zawe n’ ukuri kwawe.


Ndasenga ntumbereye urusengero rwawe rwera, Nshimira izina ryawe imbabazi zawe n’ukuri kwawe: Kuko washize hejuru ijambo ryawe n’izina ryawe Kubirutisha ibindi vyose.


Ereg’ Imana s’umuntu ngw ibeshe, Kandi s’umwana w’umuntu ngo yisubiremwo! Ivyo yavuze, mbega ntizobikora? Ivyo yashinze ntizobishitsa?


Ego me, Data, kuko washimye ko biba birtyo imbere yawe.


Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.


Kand’ igirire ba sogokuruza imbabazi, Yibuke isezerano ryayo ryera,


Uwo mwanya anezererwa cane muri Mpwemu Yera, aravuga, ati Ndaguhimbaza Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya. Ego me Data, kuko washimye ko biba birtyo imbere yawe.


Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami.


Jewe Paulo, nahamagariwe kuba intumwa ya Yesu Kristo, nk’ukw Imana yagomvye, na Sositene mwene Data,


itwātiye ibanga ry’ivy’ igomba, nk’uko vyayihimbaye, ibigabiye kera muri we,


nk’ukw imigabo yayo iri, iyo yagabiye uhereye kera hose muri Kristo Yesu Umwami wacu


Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane, nk’ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo


Ukugororoka kwanyu canke gutungana kw imitima yanyu si vyo bizoba bitumye mwinjira igihugu cabo ngo mucegukire; arik’ ukugabitanya kw’ayo mahanga ni kwo kuzoba gutumye Uhoraho Imana yanyu abirukana imbere yanyu, kugira ngw ashitse ijambo yarahiye ba sogokuruza banyu, Aburahamu na Isaka na Yakobo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ