20 Non’ ikindi jewe Dawidi nokubgira n’iki? kuk’ uzi umusavyi wawe, Mwami Uhoraho.
Kukw ari we nahisemwo kugira ngw aze yihanikirize abana biwe n’ab’ inzu yiwe bazokwaruka hanyuma, ngo bakomeze inzira yanje, bakore ibiroranye n’ibigororotse; kugira ngo jewe Uhoraho nshitse kuri Aburahamu ivyo namuvuzeko.
Non’ ikindi jewe Dawidi nokubgira n’iki, ku vy’icubahiro ngiriwe? Kuk’ uranzi, jewe umusavyi wawe.
Uhoraho waransuzumye, urammenya,
ntiyarinda ko hogira ūshingira intahe ivy’ umuntu, kuk’ ubgiwe yar’ azi ibiri mu muntu.
Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.
Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.
Aramwishura, at’ Ekāye: arikw ikinzanye ubu n’uko nd’ umugabisha w’ingabo z’Uhoraho. Maze Yosuwa arapfukama, arūnama, amuha icubahiro, aramubaza, ati Mugenzi, jewe umusavyi wawe non’ ico ugomba kumbarira n’iki?
Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.
Arik’ Uhoraho abarira Samweli, ati Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.