Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 7:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Maz’ umwami Dawidi arinjira, yicara imbere y’Uhoraho, aravuga, ati Mwami Uhoraho, mbega jewe n’inda n’indesho, n’inzu yanje, nar’ iki, kubona wagiye unzigama gushitsa n’ubu?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 7:18
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Izo mbabazi zose wagiriye umusavyi wawe, n’ukuntu utampemukiye, sinari mbereye kugirirwa na bikeya; kuko najabutse Yorodani uru nitwaje akoho gusa, none nahindutse imice ibiri.


Ndakwinginze, n’unkize, unkūre mu maboko ya mukurwanje Esau: kuko ndamutinya, yoye kuza akanyicana n’abana na ba nyina.


Non’ inzu yanje si kw imeze ku Mana? Kuko yasezeranye nanje isezerano ritazovaho, Ritunganye muri vyose, kandi rikomeye; Non’ agakiza kanje kose n’ ivyo nifuza vyose Ntizotuma bimera bikaba ibironge?


Maz’ ayo majambo yose n’ ukwo kwerekwa kwose, Natani abidondera Dawidi.


Maz’ umwami Dawidi arinjira, yicara imbere y’Uhoraho, aravuga, at’ Uhoraho Mana, mbega jewe n’inda n’indēsho, n’inzu yanje, nar’ iki, kubona wagiye unzigama gushitsa n’ubu?


Ariko jewe n’inda n’indēsho, nar’ iki, twe n’abantu banje, vyotumye dushobora gushikana n’imitima ikunze durtyo? Kuko vyose biva kuri wewe, kand’ ivyawe akaba ari vyo tuguhayeko.


Umuntu n’iki ah’ umwibuka, Cank’ umwana w’umuntu ah’ umugendera?


Mose yishura Imana, ati Mbega ubona nd’ iki, guhangara kuja kwa Farawo, no gukūra Abisirayeli muri Egiputa?


Bukeye Hezekiya ashikirizwa ico cete n’izo ntumwa, aragisoma; maz’ aradūga, aja mu ngoro y’ Uhoraho, arakigaranzura, agishira imbere y’Uhoraho.


Jewe, uwuri mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose, naherewe ubgo buntu kubgira abanyamahanga ubutumwa bgiza bg’itunga rya Kristo ritagira aho riherera,


Aramwishura, ati Mbeg’ Abisirayeli nobakiza nte ga Mwami wanje? Inzu yacu kw ar’ iyo hasi mu muryango wa Manase, nanje nkaba nd’ umuhererezi kwa data!


Yicisha bugufi, arūnama ashika hasi, aramubaza, ati N’iki gitumye ungirira ubuntu, ukambabara, kandi nd’ umunyamahanga?


Samweli aramubgira, ati Naho wari warīkēngereye, mbega ntiwagizwe uwo kuganza imiryango y’ Abisirayeli? Uhoraho ntiyakwimikishije amavuta ng’ube umwami w’Abisirayeli?


Ariko Dawidi abarira Sauli, ati Mbega jewe, n’inda n’ indēsho, n’umuryango wacu, n’ inzu ya data ukw iri mu Bisirayeli, noba umukwe w’umwami?


Maze Sauli aramwishura, ati Mbega sind’ Umubenyamini, ari wo muryango mutoya hanyuma y’iyindi yo mu Bisirayeli? Kand’ inzu yacu si yo ntoya hanyuma y’ayandi mazu yose yo mu Babenyamini? None n’iki gitumye umbarira ben’ ivyo?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ