Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 7:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Uti Kand’ inzu yawe n’ubgami bgawe bizohora bihamye imbere yiwe, uti N’ingoma yawe izokwama ihangamye na ntaryo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 7:16
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


Umwami yimitse amugabira agakiza gakomeye, Agirira imbabazi umwami yimikishije amavuta, Ni Dawidi n’uruvyaro rwiwe ibihe bidashira.


Ut’ Uwo ni we azomwubakira ingoro, ibe iy’ izina ryiwe, uti Kand’ azokomeza intebe yiwe y’ubgami gushitsa ibihe vyose.


Maz’ ayo majambo yose n’ ukwo kwerekwa kwose, Natani abidondera Dawidi.


ng’ Uhoraho az’ ashitse ijambo yamvuzeko, kw abana banje ni bitonda mu ngeso zabo, bakagendera imbere yiwe mu vy’ukuri, uhereye mu vyiyumviro vyabo no mu mitima yabo, yavuze ngo ntihazobura mu banje uwo kuja ku ngoma y’Abisirayeli.


nanje nzotuma ingoma yawe ihangama mu Bisirayeli ibihe vyose, nk’uko nasezeraniye so Dawidi, nkamubarira, nti Ntuzobura uwo gusubira ku ngoma y’ i Bgisirayeli.


Ngw Azozigama uyu murwa kugira ngw awukize, abikoze kubgiwe no kubg’ umusavyi wiwe Dawidi.


Mugabo Uhoraho yanka guhonnya Abayuda kubga Dawidi umusavyi wiwe, nk’uko yari yaramusezeraniye kuzomuha itara rizokwama ryaka mu ruvyaro rwiwe ibihe vyose.


None rero, Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, komeza ivyo wasezeraniye data umusavyi wawe Dawidi, nk’uko wamubariye kw atazobura uwo guhora ku ngoma y’i Bgisirayeli imbere yawe, abana biwe ni bagenda bitonda mu ngeso zabo, bakagendera mu vyagezwe vyawe nk’uko na we yagendera imbere yawe.


Nta ho ikūra inyonga zayo ku bagororotsi, Arikw ibicarika hamwe n’ abami ku ntebe zabo Gushitsa ibihe bidashira, bagashirwa hejuru.


Ingoma yawe Mana, ihangamye ibihe bidashira, Icumu ry’ubugabe bgawe n’ icumu ry’ūganza atunganye.


Bazomwubaha izuba rikiriho, Bo n’ukwezi, gushitsa ibihe vyose.


Nti Nzoshimangira uruvyaro rwawe gushitsa ibihe bidashira; Ingoma yawe nzoyikomeza, gushitsa ibihe vyose. Sela.


Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


ni ho mu birimba vy’iki gisagara hazoca abami n’abaganwa uko bakūranwa ku ngoma ya Dawidi, bagendera mu mikogote no ku mafarasi, bo ubgabo n’ abaganwa babo, n’abagabo b’i Buyuda, n’ababa i Yerusalemu: kand’ iki gisagara kizokwamah’ ibihe bidashira.


Kuk’ ukw ari ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Dawidi ntazokwigera abura uwo kuzokwama ku ngoma yiwe, aganza ab’ inzu ya Isirayeli.


Bazoba mu gihugu nahaye umusavyi wanje Yakobo, aho ba sekuruza bāba: ni ho bazoba, bo n’abana babo n’abuzukuru babo, ibihe bidashira. Kandi Dawidi umusavyi wanje azoba umwami wabo gushitsa ibihe bidashira.


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


Aca ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: ingoma yiwe n’ingoma itazovaho, kand’ ubgami bgiwe n’ubgami butazohangura.


Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.


Ishengero riramwishura, riti Twebge twumvise mu vyagezwe ko Kristo azohorah’ ibihe bidashira. Non’ uvuze ute ng’ Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa? Mbeg’ uwo Mwana w’umuntu ni nde?


Ariko, ivy’ Umwana wayo yabivuze, it’ Ingoma yawe, Mana, ihangamye ibihe bidashira, Icumu ry’ubugabe bgawe n’icumu ry’ūganza atunganye.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


Ndakwinginze, mpangaza jewe umuja wawe, umparire igicumuro canje: Uhoraho ntazobura guha inzu yawe kurama, kuk’ urwana intambara z’Uhoraho, mugenzi, kandi nta kibi kizokubonekako imisi yose uzoba uriho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ