Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 7:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 ut’ Arikw imbabazi ziwe ntazozimukūrako nk’uko yazikūye kuri Sauli, uwo yasohoye agashiraho wewe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 7:15
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ut’ Azomubera se, na we amubere umwana; uti Na ho ni yacumura, azomuhanisha inkoni nk’iyo abantu bahanisha, amuhe imiramu nk’iy’ abana b’abantu;


Uti Kand’ inzu yawe n’ubgami bgawe bizohora bihamye imbere yiwe, uti N’ingoma yawe izokwama ihangamye na ntaryo.


Na we nyene sinzomushikura ubgami bgose, ariko nzomusigariza umuryango umwe kubga Dawidi umusavyi wanje, no kubga Yerusalemu natoranije.


Nzomubīkira imbabazi zanje ibihe bidashira, Isezerano ryanje rizohama kuri we.


Namba bazorenga ivyo nashinze, Ntibitondere amabgirizwa yanje,


Ariko sinzomukūrako rwose imbabazi zanje, Sinzoreka kuba umwizigirwa.


Sinzova mw isezerano ryanje, Sinzohindura ijambo ryavuye mu kanwa kanje.


Mwami, imbabazi zawe wahoranye ziri hehe, Izo warahiriye Dawidi mu kwizigirwa kwawe?


Ut’ Arik’ Uhoraho ngw Azozigama uyu murwa kugira ngw awukize, abikoze kubgiwe no kubg’ umusavyi wiwe Dawidi.


Mutege amatwi, muze kuri jewe; munyumve, ni ho ubugingo bganyu buzobaho; nanje nzosezerana namwe isezerano ritazoshira, ni ryo mbabazi Dawidi yasezeraniwe zitazovaho.


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


Kuk’ ubugarariji ari co kimwe n’icaha c’ubupfumu, kandi kuba ntagondwa ni kimwe no gusenga ibishushanyo n’ibigirwamana. Ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba ku ngoma.


Samweli yishura Sauli, at’ Eka sinsubiranayo nawe; ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba umwami w’Abisirayeli.


Maze Samweli aramubarira, at’ Uhoraho na we uyu musi agutabuyekw ingoma y’Abisirayeli, ayihaye mugenzawe akuruta.


Mpwemu w’Uhoraho amaze kuva kuri Sauli, impwemu mbi irungitswe n’Uhoraho yama igenda imufata bga gikange.


Ashitseyo yīkiza impuzu ziwe, avugishirizwa imbere ya Samweli arambaraye hasi yambaye ubusa, yiriza umusi akēsha ijoro. Ni co catumye bavuga, bati Mbega Sauli na we yari mu bavugishwa n’Imana?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ