Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 7:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ut’ Uwo ni we azomwubakira ingoro, ibe iy’ izina ryiwe, uti Kand’ azokomeza intebe yiwe y’ubgami gushitsa ibihe vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 7:13
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


Umwami yimitse amugabira agakiza gakomeye, Agirira imbabazi umwami yimikishije amavuta, Ni Dawidi n’uruvyaro rwiwe ibihe bidashira.


Uti Kand’ inzu yawe n’ubgami bgawe bizohora bihamye imbere yiwe, uti N’ingoma yawe izokwama ihangamye na ntaryo.


kuk’ umpishuriye, jewe umusavyi wawe, k’uzonyubakira inzu, ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, Mana y’ Abisirayeli; ni co gitumye umusavyi wawe ntinyuka kugusenga ntya.


Nuko rero ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho yanshize ku ngoma ya data Dawidi, akantereka, akampindura inzu nk’uko yasezeranye, n’ukuri uyu musi Adoniya akagenda batamwishe!


ng’ Uhoraho az’ ashitse ijambo yamvuzeko, kw abana banje ni bitonda mu ngeso zabo, bakagendera imbere yiwe mu vy’ukuri, uhereye mu vyiyumviro vyabo no mu mitima yabo, yavuze ngo ntihazobura mu banje uwo kuja ku ngoma y’Abisirayeli.


Ariko jewe umwami Salomo nzohabga umugisha, kand’ ingoma ya Dawidi izohangama imbere y’ Uhoraho ibihe vyose.


Uti Non’ afise imigabo yo kwubaka ingoro y’izina ry’Uhoraho Imana yiwe, uti Nk’uk’ Uhoraho yabariye se wiwe Dawidi, at’ Umwana wawe nzosubiza ku ngoma yawe ni we azonyubakira ingoro y’izina ryanje.


riti Ku vy’ iyi ngoro urik’ urubaka, ni wagendera mu vyo nashinze, ugashitsa amabgirizwa yanje, ukitondera ivyagezwe vyanje vyose, ukaba ari vyo ugenderamwo, nanje nzokomeza ijambo ryanje kuri wewe, iryo navuganye na so Dawidi.


None ndakwubakiye ingoro yo kubamwo, ahantu uzokwibera ibihe vyose.


Maz’ aravuga, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, yashikije n’ukuboko kwiwe ivyo yavuze n’akanwa kiwe, abarira data Dawidi,


at’ Ariko wewe ntuzokwubaka iyo ngoro, izokwubaka umwana wawe uzokwikūrira mu nda; uwo ni we azokwubakira izina ryanje ingoro.


Yubaka n’ibicaniro mu ngoro y’Uhoraho, ari ho Uhoraho yari yaravuze, at’ I Yerusalemu ni ho nzoshira izina ryanje.


Ca gishushanyo ca Ashera yabāje agishinga mu ngoro y’Uhoraho, iyo Uhoraho yari yarabariye Dawidi na Salomo umuhungu wiwe, ati Mur’ iyi ngoro, bo n’i Yerusalemu, ni ho natoranije mu miryango yose y’Abisirayeli ko nzohashira izina ryanje ngo rihabe ibihe vyose.


Mugabo Uhoraho yanka guhonnya Abayuda kubga Dawidi umusavyi wiwe, nk’uko yari yaramusezeraniye kuzomuha itara rizokwama ryaka mu ruvyaro rwiwe ibihe vyose.


Nuko rero wirinde; kukw ari wewe Uhoraho yatoye kwubaka ingoro ngw imubere ahēra; nuko kovya, ukore.


Yubaka n’ ibicaniro mu ngoro y’Uhoraho, ari ho Uhoraho yari yaravuze, at’ I Yerusalemu ni ho izina ryanje rizoba ibihe vyose.


None rero, Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, komeza ivyo wasezeraniye data umusavyi wawe Dawidi, nk’uko wamubariye kw atazobura uwo guhora ku ngoma y’i Bgisirayeli imbere yawe, abana biwe ni bagenda bitonda mu ngeso zabo, bakagendera mu vyagezwe vyawe nk’uko na we yagendera imbere yawe.


Nta ho ikūra inyonga zayo ku bagororotsi, Arikw ibicarika hamwe n’ abami ku ntebe zabo Gushitsa ibihe bidashira, bagashirwa hejuru.


Izina ryiwe rizohorah’ ibihe bidashira, Izina ryiwe rizogira uruvyaro, izuba rikiriho: Abantu bazokwisabira umugisha wo guhwana na we, Amahanga yose azomwita umuhirwe.


Ikiganza canje kizokwama kibana na we, Ukuboko kwanje kuzomuha inkomezi.


Kand’ uruvyaro rwiwe nzoruha kuramba gushitsa ibihe bidashira, Bo n’ingoma yiwe nk’imisi y’ ijuru.


Nti Nzoshimangira uruvyaro rwawe gushitsa ibihe bidashira; Ingoma yawe nzoyikomeza, gushitsa ibihe vyose. Sela.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Mu gihe co kwemererwamwo ndakwishuye, no ku musi wo gukirizwako ndagutabaye; kandi nzogukiza, ngushireho ube isezerano ry’abantu, kugira ng’ usibure igihugu, utume basubizwa mw ishamvu yabo yabaye imisaka.


Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


Kuk’ ukw ari ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Dawidi ntazokwigera abura uwo kuzokwama ku ngoma yiwe, aganza ab’ inzu ya Isirayeli.


Bazoba mu gihugu nahaye umusavyi wanje Yakobo, aho ba sekuruza bāba: ni ho bazoba, bo n’abana babo n’abuzukuru babo, ibihe bidashira. Kandi Dawidi umusavyi wanje azoba umwami wabo gushitsa ibihe bidashira.


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Eh’ umuntu yitwa Shami, azoshamika ahantu hiwe, kand’ azokwubaka urusengero rw’Uhoraho.


Koko ni we azokwubaka urusengero rw’Uhoraho, azogira icubahiro, kand’ azovyagira ku ntebe, aganze; kur’ iyo ntebe azohabera n’umuherezi; kandi bompi bazohuza inama zizana amahoro.


Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.


Kuk’ uyo yiyumviriwe kw akwiye guhabga icubahiro kiruta ica Mose, nk’ukw ishimwe ry’uwubatse urugo riruta iry’ urugo.


mwubakwe nk’amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bg’impwemu, mugire ibango ry’ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bg’impwemu, bishimwa n’Imana kubga Yesu Kristo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ