ng’ Uhoraho az’ ashitse ijambo yamvuzeko, kw abana banje ni bitonda mu ngeso zabo, bakagendera imbere yiwe mu vy’ukuri, uhereye mu vyiyumviro vyabo no mu mitima yabo, yavuze ngo ntihazobura mu banje uwo kuja ku ngoma y’Abisirayeli.
Uti Non’ afise imigabo yo kwubaka ingoro y’izina ry’Uhoraho Imana yiwe, uti Nk’uk’ Uhoraho yabariye se wiwe Dawidi, at’ Umwana wawe nzosubiza ku ngoma yawe ni we azonyubakira ingoro y’izina ryanje.
riti Ku vy’ iyi ngoro urik’ urubaka, ni wagendera mu vyo nashinze, ugashitsa amabgirizwa yanje, ukitondera ivyagezwe vyanje vyose, ukaba ari vyo ugenderamwo, nanje nzokomeza ijambo ryanje kuri wewe, iryo navuganye na so Dawidi.
Ca gishushanyo ca Ashera yabāje agishinga mu ngoro y’Uhoraho, iyo Uhoraho yari yarabariye Dawidi na Salomo umuhungu wiwe, ati Mur’ iyi ngoro, bo n’i Yerusalemu, ni ho natoranije mu miryango yose y’Abisirayeli ko nzohashira izina ryanje ngo rihabe ibihe vyose.
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Mu gihe co kwemererwamwo ndakwishuye, no ku musi wo gukirizwako ndagutabaye; kandi nzogukiza, ngushireho ube isezerano ry’abantu, kugira ng’ usibure igihugu, utume basubizwa mw ishamvu yabo yabaye imisaka.