Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 7:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Uti Kand’ imisi yawe ni yashika, ugahamvya ba sogokuruza, ut’ Azokwimika umwana wawe wivyariye, agusubirire mu gishingo, uti Kand’ azokomeza ingoma yiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 7:12
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza kuri we, rit’ Uyo si we azotora ivyawe, arik’ ūzova mu kara kawe ni we azobitora.


Umwami yimitse amugabira agakiza gakomeye, Agirira imbabazi umwami yimikishije amavuta, Ni Dawidi n’uruvyaro rwiwe ibihe bidashira.


Arik’ utagize ico ukora ga mwami wanje nyen’ ingoma, ni wahamvya ba sogokuruza, twe n’umwana wanje Salomo bazotwita abagarariji.


mbere yavuze, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, ampaye uwo kuvyagira ku ntebe yanje nkibona.


Igihe ca Dawidi co gutanga kigira gishike, abarira umwana wiwe Salomo ivyo azokora,


Nuko Dawidi ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku murwa i we.


ng’ Uhoraho az’ ashitse ijambo yamvuzeko, kw abana banje ni bitonda mu ngeso zabo, bakagendera imbere yiwe mu vy’ukuri, uhereye mu vyiyumviro vyabo no mu mitima yabo, yavuze ngo ntihazobura mu banje uwo kuja ku ngoma y’Abisirayeli.


Uti Non’ afise imigabo yo kwubaka ingoro y’izina ry’Uhoraho Imana yiwe, uti Nk’uk’ Uhoraho yabariye se wiwe Dawidi, at’ Umwana wawe nzosubiza ku ngoma yawe ni we azonyubakira ingoro y’izina ryanje.


Maz’ aravuga, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, yashikije n’ukuboko kwiwe ivyo yavuze n’akanwa kiwe, abarira data Dawidi,


at’ Ariko wewe ntuzokwubaka iyo ngoro, izokwubaka umwana wawe uzokwikūrira mu nda; uwo ni we azokwubakira izina ryanje ingoro.


Non’ Uhoraho ashikije iryo jambo ryiwe yavuze, kuko nsubiye mu gishingo ca data Dawidi, kandi nkaba ndi ku ngoma y’i Bgisirayeli nk’uko yasezeranye, kandi nkaba nujuje iyi ngoro nubakiye izina ry’Uhoraho Imana y’Abisirayeli.


nanje nzotuma ingoma yawe ihangama mu Bisirayeli ibihe vyose, nk’uko nasezeraniye so Dawidi, nkamubarira, nti Ntuzobura uwo gusubira ku ngoma y’ i Bgisirayeli.


Mugabo Uhoraho yanka guhonnya Abayuda kubga Dawidi umusavyi wiwe, nk’uko yari yaramusezeraniye kuzomuha itara rizokwama ryaka mu ruvyaro rwiwe ibihe vyose.


Uti Hanyuma imisi yawe ni yashika, ukaja kwisangira ba sogokuruza, ut’ Azokwimika umwe mu bana bawe, agusubirire mu gishingo, uti Kand’ azokomeza ingoma yiwe.


None rero, Uhoraho Mana, isezerano wasezeraniye data Dawidi ni rishike, kuko wangize umwami w’abantu b’isinzi, bangana n’umukungugu wo kw isi.


mbega ntimwari mukwiye kumenya yuk’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli yahaye Dawidi n’abahungu biwe ubgami, ngo baze baganze Abisirayeli kuzoshitsa ibihe bidashira, abisezeranishije isezerano ritazohinduka?


Mugabo Uhoraho yanka guhonnya inzu ya Dawidi, kubg’ isezerano yari yasezeranye na Dawidi kw azomuha itara rizokwama ryaka mu ruvyaro rwiwe ibihe vyose.


Nukw iryo koraniro ryose risezerana isezerano n’umwami, bari mu ngoro y’Imana. Yehoyada arababarira, at’ Eh’ umwana w’umwami azoganza, bibe nk’uk’ Uhoraho yavuze ku ruvyaro rwa Dawidi.


kandi washikije ivyo wasezeraniye data umusavyi wawe Dawidi; mber’ ivyo wavugishije akanwa kawe ubishikishije ukuboko kwawe, nk’uko bir’ uyu musi.


at’ Ariko wewe ntuzokwubaka iyo ngoro, izokwubaka umwana wawe uzokwikūrira mu nda; at’ Uwo ni we azokwubakira izina ryanje ingoro.


Kand’ uruvyaro rwiwe nzoruha kuramba gushitsa ibihe bidashira, Bo n’ingoma yiwe nk’imisi y’ ijuru.


Maze kur’ uwo musi igishitsi ca Isayi kizoba gihagaritswe no kubera amoko ibendera, ico gishitsi ni co amahanga azobariritsa: kand’ uburuhukiro bgiwe buzogira icubahiro.


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


Kuk’ ukw ari ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Dawidi ntazokwigera abura uwo kuzokwama ku ngoma yiwe, aganza ab’ inzu ya Isirayeli.


Kandi benshi bo mu bazoba basinziriye mw ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira, abandi bikangurire ubumāramāre n’ibitētērwa bitazoshira.


Igitabo kidondora ukuvuka kwa Yesu Kristo, umwana wa Dawidi, Dawidi wa Aburahamu.


Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Īsumba vyose, kand’ Umwami Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi,


Atangurira kuri Mose no ku bāvugishwa n’Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we.


Yamara Dawidi mu gihe ciwe amaze gukora ivy’ Imana igomba, arasinzira, ahamvya ba sekuruza, arabora.


Nuko, kuko yar’ uwavugishwa n’Imana, akamenya kw Imana yamurahiye indahiro, kw izoshira ku ngoma yiwe uwamutse mu bura bgiwe,


Ehe, ndababarira akabanga: ntituzosinzira twese, ariko twese tuzohindurwa,


Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ugiye guhamvya ba sogokuruza bawe; kand’ iri hanga rizohaguruka, bahurumbire izindi mana nk’ibimaka, ari vyo bigirwamana vy’ico gihugu, aho bagiye kuja kuba muri bene co, bamveko, bice isezerano ryanje nasezeranye na bo.


Uko twizera yuko Yesu yapfuye akazuka, abe ari ko twizera yukw abāsinziririye muri Yesu, Imana izobazanana na we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ