Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 7:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Uti Kand’ abantu biwe b’ Abisirayeli azobagenera ahantu, ahababadike, bahībēre ar’ ahabo bgite, batazohimuka ukundi; uti Kand’ abantu b’ibirara ntibazosubira kubagirira nabi nk’ubga mbere,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 7:10
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ ati Sinzosubira guturatuza Abisirayeli ngo bave mu gihugu nahaye ba sekuruza, ni bitondera ivyo nabageze vyose, n’ivyagezwe vyose umusavyi wanje Mose yabageze.


Uti Kand’ abantu biwe b’Abisirayeli azobagenera ahantu, ahababadike, bahībēre ar’ ahabo bgite, batazohimuka ukundi; uti Kand’ abantu b’ibirara ntibazosubira kubakubagura nk’ubga mbere,


Kand’ iti Sinzosubira gukūra Abisirayeli ngo bave mu gihugu nashinze ko kizoba ica ba sekuruza, ni bitondera ivyo nabageze vyose, ari vyo vyagezwe n’ amabgirizwa n’imigenzo nageze mbitumye Mose.


Wasohoje amahanga ukuboko kwawe, ariko bo urahabagerēra; Wateye amoko amarushwa, uca ugasāza bano.


Mana, ni wewe Mwami wanje: Gerera agakiza aba Yakobo.


Wakūye umuzabibu muri Egiputa: Usohora amahanga, urawutera.


Urawurimirira, Na wo ushikana imizi kure, wuzura igihugu.


Farawo araheza abarira abantu biwe bose, at’ Umuhungu wese azovuka, muze mumute mu ruzi, arik’ umukobga mumureke.


Uzobashikanayo, ubashimangire ku musozi w’ishamvu yawe, Ahantu witunganirije ngo habe i wawe, ewe Uhoraho, Ahēra hāshizweho n’amaboko yawe, Mwami.


yari yararurimiriye, akūramw’ amabuye, ateramw’ imizabibu y’ubgoko bgiza, arwubakamw’ umutara hagati, arwimbamwo n’ikinogo, agikora bga bgato: nuko yaziga ko ruzokwama inzabibu, ariko rwama ibijabija vy’inzabibu.


Kuk’ uruzabibu rw’Uhoraho Nyen’ ingabo ari rwo nzu ya Isirayeli, kand’ abagabo b’i Buyuda ari bo muzabibu wamuhimbara; kandi yabazigamw’ imanza zibereye arikw abasangamw’ uguhahaza: yabazigamw’ ubugororotsi arikw abasangamw’ amaborogo.


Umuryano ntuzokwumvikana ukundi mu gihugu cawe, bo n’ukugeseza n’ ugutikiza mu ngabano zawe; arikw inzitiro zawe uzozīta Gakiza, n’amarembo yawe uzoyīta Mpundu.


Abantu bawe bazoba abagororotsi bose, bazoba ben’ igihugu bgite gushitsa ibihe vyose; bazoba umuvyaro nitereye, igikorwa c’intoke zanje, kugira ngo bintere icubahiro.


Ikindi gihe novuga ku vy’ihanga no ku vy’ubgami, ku vyo kuzoryubaka no kuzoritēragira:


Kuko nzobashirakw ijisho kugira ngo mbagirire neza, kandi nzosubira kubagarukana mur’ iki gihugu: nzobubaka, sinzobasambura; nzobatēragira, sinzobarandura.


Kand’ ab’ inzu ya Isirayeli ntibazokwongera kugira umukere ubahanda, cank’ umubambangwe ubasāsāta mu babakikije bose, bāhora babagirira nabi; maze bazomenya yuko jewe nd’ Umwami Uhoraho.


Maze kur’ uwo musi nzosezerana isezerano n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibisīga vyo mu kirēre, n’ivyikwega hasi, kubganyu: kandi nzoca umuheto n’inkota n’intambara bibavire mu gihugu, ntume baryama amahoro.


Kandi nzobateragira mu gihugu cabo, ntibazosubira kurandurwa mu gihugu cabo nabahaye, ni k’Uhoraho Imana yawe igize.


Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’ urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’ amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.


Maz’ Abisirayeli batakambira Uhoraho, kubg’ imikogote y’ivyuma amajana cenda Yabina yar’ afise, kandi yar’ amaze imyaka mirongwibiri ahahaza Abisirayeli bibi.


Bukeye abanyazi b’Abafilisitiya bava aho bashagaje, bīcīyemw’ imice itatu: umuce umwe ujana inzira ija i Ofura, mu gihugu c’i Shuwali;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ